Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 5:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Yābīre ku maraso y’ico kimazi gitangirwa ivyaha, ayacucagire ku gicaniro ku ruhande rwaco rumwe; ayandi maraso ayamiminurire hasi hambavu y’igicaniro: ico kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 5:9
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Vyahimbaye Uhoraho kudūza ivyagezwe no kuvyubahiriza, kubg’ ukugororoka kwiwe.


Umuherezi az’ akizane ku gicaniro, akinuse umutwe, awosereze ku gicaniro; amaraso yaco amiminukire ku gicaniro ku ruhande rwaco rumwe;


Aheze akererere iyo masa imbere yanje, bene Aroni abaherezi bazane amaraso yayo, bayahereze, bayamijagire impande zose ku gicaniro co ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Kur’ ayo maraso nyene ayasīge ku mahembe y’igicaniro kir’ imbere yanje mw ihema ry’ibonaniro; ayandi maraso yose ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, kiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso y’ico kimazi gitangiwe ivyaha, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco ayavyagize hasi hambavu y’ico gicaniro.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso yaco, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco yose ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso y’ico kimazi, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco yose ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro.


Kur’ ayo maraso nyene ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw imibavu itamirana, kiri mw ihema ry’ibonaniro imbere yanje; ayandi maraso yose y’iyo masa ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, kiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Aho bakererera ikimazi co kwoswa, az’ abe ari ho bakererera ikimazi c’impongano; amaraso yaco baze bayamijagire ku gicaniro impande zose.


mwegereye na Yesu, umuhūza ahesha isezerano risha, mwegereye n’amaraso acucagirwa, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.


Kukw iyo, (ni yo yaremewe vyose kandi ni yo ibeshejeho vyose), mu kurōngōra abana benshi ngw ibazane mu bgiza, vyari biyikwiye gutunganisha rwose indōngōzi y’agakiza kabo kubabazwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ