Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 5:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kand’ az’ arihe ico kintu yafuditseko co mu vyera, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, abishīre umuherezi: uwo muherezi az’ amuhongere iyo mpfizi y’intama y’ikimazi c’impongano, na we azoharirwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 5:16
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abanyankira ubusa baruta umushatsi wo ku mutwe wanje mu bginshi: Abagomba kundandura, banyankishwa n’inyanduruko z’ibinyoma, barahambaye: Ni ho narihishijwe ico ntatwaye.


Umuntu ni yiba inka cank’ intama, akayibāga cank’ akayishōra, inka az’ ayirihe zitanu, intama ayirihe zine.


Umuntu ni yaramuka ariye ku kintu cejejwe atabizi, az’ akirihe, asubize umuherezi ikingana n’ico kintu cejejwe yariye, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco.


Arik’ uwagitanze, ni yagomba kucicungurira, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, nk’ uko caciriwe.


Arik’ uwayirobanuye akayitanga, ni yagomba kuyicungurira, ayigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu cayo, nk’uko yaciriwe, ibone kuba iyiwe.


Na ho ni caba ico mu bitunzwe bizira, uwo muntu az’ agicungure nk’uko waciriye, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco; ariko ni kitacungurwa, kize kigurwe nk’uko waciriye.


Maz’ umuntu ni yagomba gucungura ikigiracumi ciwe mur’ ivyo, ico agicunguje akigerekekw ikingana n’ikigiragatanu caco.


Ukw az’ abe ari kw agira iyo masa: nk’uko yagize ya masa yindi y’ikimazi gitangirwa ivyaha, az’ abe ari kw agira n’iyo. Nuk’ umuherezi azoba abahongeye, na bo bazoharirwa.


Ibinure vyaco vyose avyosereze ku gicaniro, nk’uko bōsa ibinure vy’ikimazi c’ishimwe. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe, na we azoharirwa.


Ica kabiri agitange kw ikimazi co kwoswa nk’uko bishinzwe. Nuk’ uwo muherezi azoba amuhongeye ku caha yakoze, na we azoharirwa.


Nuk’ uwo muherezi azoba amuhongeye ku caha yakoze ic’ ari co cose muri vya bindi bidōnzwe, na we azoharirwa: ifu isigaye iz’ ibe iy’ umuherezi, nk’uko bisanzwe biba kw ishikanwa rindi ry’amafu.


anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’inyana y’intama canke y’impene, ayikūye mu mukuku, ngw ibe ikimazi gitangirwa ivyaha; umuherezi azoba amuhongeye ku caha ciwe.


Aho bakererera ikimazi co kwoswa, az’ abe ari ho bakererera ikimazi c’impongano; amaraso yaco baze bayamijagire ku gicaniro impande zose.


aze yature icaha yakoze, arihe n’ico kintu uko kingana, camukwegeye gutsindwa, kand’ akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, akirihe uwo yagiriye nabi.


Ariko nyene kugirirwa nabi, namb’ ata mwene wabo wo hafi yasize, yokirihwa, indihano ya wa wundi yatsinzwe iz’ ibe iyanje Uhoraho, ihabge umuherezi, ayigerekekw impongano y’impfizi y’intama, bayimutangirekw impongano.


Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Rāba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane.


Ariko nabanje kubgira ab’i Damasiko hanyuma ab’i Yerusalemu, n’abo mu gihugu cose c’i Yudaya, n’abanyamahanga na bo, yuko bakwiye kwihana, no guhindukirira Imana, bakore ibikorwa bikwiranye n’ukwihana.


Barabishura, bati Ni mwarungika iyo sandugu y’Imana y’Abisirayeli, ntimuze muyirungike yonyene, ariko muyisubizanyeyo n’impongano muhongeye Imana: ni ho muzobona gukira, mumenye n’icatumye ukuboko kwayo kutabatenzukira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ