Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 5:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 ati Ni hagira umuntu ampomvya ku bintu vyera ngerewe, agakora icaha kitar’ ic’ ibigirankana; az’ anzanire ikimazi ciwe c’impongano c’impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira, ca shekeli z’ifeza zagezwe kuri shekeli ir’ ahēra, ibe ikimazi c’impongano.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 5:15
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arikw amahera y’ibimazi vy’impongano n’ay’ ibimazi bitangirwa ivyaha, yo ntiyashirwa mu ngoro y’Uhoraho, yaba ay’ abaherezi.


Abo bararahira bakorana mu ntoke yuko birukana abagore babo; kandi batanga impfizi y’ intama kw iciru, kuko batsinzwe n’urubanza.


Iyi abe ari yo ncungu batanga, umuntu wese ukw arēngāna ashirwa mu gitigiri c’abaharūwe, atange ikigabane ca shekeli yagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra: shekeli imwe irimwo gera mirongwibiri; ikigabane ca shekeli kize kibe ari co banshikanira.


No ku rubaraza rw’ikirimba hār’ ameza abiri ku ruhande rumwe, n’ ayandi abiri ku rundi, yo kubāgirakw ibimazi vyo kwoswa n’ibimazi bitangirwa ivyaha n’ibimazi bitangirwa ibicumuro.


Kand’ ikimazi ciwe co kwoswa ni caba ar’ ico mu mukuku, ar’ intama cank’ impene, az’ atange isuguru itagira agasembga.


Ikimazi c’umuntu co kwoswa, ni cāba ar’ ico mu busho, az’ atange imasa itagira agasembga: ayitangire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo yemerwe imbere yanje.


Uwo muherezi yābīre imwe mur’ ayo masuguru y’intama, ayitangekw ikimazi c’impongano, ayitangane na ya ngero yitwa logi y’amavuta, abizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje;


Umuhungu cank’ umugabo, uhereye k’ūmaze imyaka mirongwibiri gushitsa k’ūshikanye mirongwitandatu, uzoba ukwiye kumucira shekeli z’ifeza mirongwitanu, zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra.


ati Barira Abisirayeli, uti Ni hagira umuntu akora icaha atabigize ibigirankana mu vyo jewe Uhoraho nabuzanije, hakagira ico akora muri vyo;


Kand’ az’ arihe ico kintu yafuditseko co mu vyera, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, abishīre umuherezi: uwo muherezi az’ amuhongere iyo mpfizi y’intama y’ikimazi c’impongano, na we azoharirwa.


Az’ azanire umuherezi impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira, ibe ikimazi c’ impongano. Uwo muherezi az’ amuhongere kur’ ico kintu yacumuye atabigize ibigirankana, atabizi, na we azoharirwa.


Anzanire ico kimazi ciwe c’impongano c’impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira gikwiranye n’ikimazi c’impongano; agishire umuherezi.


Iki ni co cagezwe co ku kimazi c’impongano: kizoba ar’ icera cane.


Izinamuhungu wese wo mu baherezi yemererwa kukiryako: kize kirīrwe ahantu hēra: n’icera cane.


uti Namb’ ico caha kizoba gikozwe mu buryo butar’ ubg’ ibigirankana, ishengero ritabizi, ishengero ryose rize ritange ishuri y’umukangara kw ikimazi co kwoswa, kibe umubabge ummotera neza, jewe Uhoraho, bagitangane n’ishikanwa bigendanye ry’ifu, n’iry’ ibiturire, nk’uko vyashinzwe, batange n’isuguru y’impene kw ikimazi co gutangirwa ivyaha.


Ariko nyene kugirirwa nabi, namb’ ata mwene wabo wo hafi yasize, yokirihwa, indihano ya wa wundi yatsinzwe iz’ ibe iyanje Uhoraho, ihabge umuherezi, ayigerekekw impongano y’impfizi y’intama, bayimutangirekw impongano.


Mugabo, ivyera mushikana, bo n’ivyo mushikisha amasezerano, muze mubijane ha hantu Uhoraho azoba yātoranije;


Barabishura, bati Ni mwarungika iyo sandugu y’Imana y’Abisirayeli, ntimuze muyirungike yonyene, ariko muyisubizanyeyo n’impongano muhongeye Imana: ni ho muzobona gukira, mumenye n’icatumye ukuboko kwayo kutabatenzukira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ