Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 5:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ni babarahiza mw ikoraniro, umuntu akavyumva, agaheza agakora icaha co guhora ico yabonye n’ico azi, azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 5:1
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwami aramubarira, at’ Aho nakurahirije nzogeza ryari, kugira ngo ntugire ico umbarira kitar’ ic’ ukuri mw izina ry’ Uhoraho?


Umuntu ni yagirira nabi mugenzi we, bakamwaka indahiro, akaza akarahirira imbere y’igicaniro cawe mur’ iyi ngoro;


Umwami aramubarira, at’ Aho nakurahirije nzogeza ryari, kugira ngo ntugire ico umbarira kitar’ ic’ ukuri mw izina ry’ Uhoraho?


Kukw ivyo nagabitanije bindengeye, Bimeze nk’umutwaro uremereye umvuna.


indahiro aja kurahira izina ry’ Uhoraho iz’ abe ari yo ibarangiriza, yukw atākojeje ukuboko ku bintu vya mugenzi we; nyene vyo ayemere, uwo ntārinde kumuriha.


Uwifatanya n’igisuma aba yanse ubugingo bgiwe, Iy’ abonye bamurahiza, yanka kumena ibanga.


Sinze mpave mpimba nabi, nkakwihakana, nkavuga nt’ Uhoraho n’iki? Kandi noye kuba mworo, ngahava niba, Ngatukisha izina ry’Imana yanje.


Abonye ibiva mu bise vy’ubugingo bgiwe, bizomuhāza; umushumba wanje agororoka azotuma benshi baheshwa ukugororoka no kumumenya; kand’ azokwishirak’ ukugabitanya kwabo.


Kukw igihugu cuzuye abasambanyi; kubg’ umuvumo igihugu kiragandaye; imyīmīro yo ku mirāmbi irumye; ingeso zabo ni mbi, ububasha bgabo ni bubi.


Umuntu akora icaha ni we azopfa: umwana ntazozira ibigabitanyo vya se, na se ntazozira ibigabitanyo vy’umwana wiwe; ubugororotsi bg’umugororotsi azobuharūrwako, ivyaha vy’umunyavyaha azobiharūrwako.


Eh’ abantu bose n’ abanje; nk’uk’ umwana ar’ uwanje, ni ko na se ar’ uwanje: umuntu akora icaha ni we azopfa.


Ariko n’atazimesura, ntiyiyuhagire, azogibgako n’ibigabitanyo vyiwe.


kand’ ūkiriyeko wese azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe, kukw aba atukishije icera canje: uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Umuntu ni yenda mushiki we, basangiye se canke nyina, bakarābana ubgambure, kizoba ar’ igihemu giteye isoni: baze barandurirwe mu maso y’ab’ ubgoko bgabo: uyo, kw azoba yambitse ubusa mushiki we, azogībgako n’ukugabitanya kwiwe.


ati Barira Abisirayeli, uti Ni hagira umuntu akora icaha atabigize ibigirankana mu vyo jewe Uhoraho nabuzanije, hakagira ico akora muri vyo;


ati Ni hagira umuntu ampomvya ku bintu vyera ngerewe, agakora icaha kitar’ ic’ ibigirankana; az’ anzanire ikimazi ciwe c’impongano c’impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira, ca shekeli z’ifeza zagezwe kuri shekeli ir’ ahēra, ibe ikimazi c’impongano.


Kandi ni hagira umuntu akora icaha, agakora na kimwe mu vyo nabuzanije; naho yoba agikoze atabizi, aba atsinzwe, kand’ azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe.


Ariko ni haramuka hagize inyama z’ico kimazi ciwe c’ishimwe ziribga ku musi ugira gatatu, ntikizoba kicemerwa, uwagitanze ntikizoba kikimuharūrwako: kizoba kibaye ikizira, ūkiriyeko azogībgako n’ukugabitanya kwiwe.


Arik’ umuntu adahumanye, kandi ntabe mu rugendo, akareka kurya ku vya Pasika, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo. Icaha c’uwo muntu kizomusubirako kukw atātanze ikimazi canje mu gihe caco cashinzwe.


Ariko Yesu arihorera. Umuherezi mukuru aramubgira, ati Ndakurahiye Imana nzima, tubarire kw ari wewe Kristo, Umwana w’Imana.


Ubgiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambge ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka; inguma ziwe ni zo zabakijije.


Abarira nyina, ati Za shekeli z’ifeza igihumbi n’ijana wari wibge, nkumva uvumana, ni jewe nazitwaye, ndazifise. Nyina aravuga, at’ Uragahezagirwa n’ Uhoraho, mwana wanje!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ