Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 4:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kand’ iyo masa y’ikimazi gitangiwe ivyaha, az’ ayikūremw’ ibinure vyayo vyose: urubambanda rwōrōshe amara, n’ibinure vyose bihometse ku mara,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 4:8
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yamar’ Uhoraho yashimye kumujanjagura, yaramubabaje; ah’ azotanga ubugingo bgiwe kw ikimazi co gukūrah’ ivyaha, azobona uruvyaro rwiwe, azoramba, ivyo Uhoraho agomba bizoshitswa neza n’ukuboko kwiwe.


Kand’ ibinure vya ca kimazi catangiwe ivyaha avyosereze ku gicaniro.


Az’ ayikūremw’ ibinure vyayo vyose, avyosereze ku gicaniro.


Ukw az’ abe ari kw agira iyo masa: nk’uko yagize ya masa yindi y’ikimazi gitangirwa ivyaha, az’ abe ari kw agira n’iyo. Nuk’ umuherezi azoba abahongeye, na bo bazoharirwa.


Ibinure vyaco vyose avyosereze ku gicaniro, nk’uko bōsa ibinure vy’ikimazi c’ishimwe. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe, na we azoharirwa.


Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ ikimazi c’ishimwe: uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe umubabge ummotera neza. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye, na we azoharirwa.


Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ umwana w’intama w’ikimazi c’ ishimwe; uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, abigeretse ku bimazi nshikaniwe jewe Uhoraho, bigatōngōrwa n’umuriro. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe yakoze, na we azoharirwa.


Umushaha wanje urahagaze: none mvuge iki? Ngire nti Data, n’unkize iki gihe? Yamara ni co canzanye ngo nshike mur’ iki gihe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ