Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 4:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 ajōbeke urutoke rwiwe mur’ ayo maraso, ayacucagire ibihetangabo ndwi imbere yanje, hino ya ca gihuzu gikingiriye Ahēra cane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 4:6
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

yinjiza iyo sandugu mw ihema, amanika ca gihuzu co gukingīra Ahēra cane, gikingīra iyo sandugu y’Ibishinga intahe, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.


Ashira na ca gicaniro c’izahabu mur’ iryo hema ry’ibonaniro, hino ya ca gihuzu,


akoze urutoke rwiwe rwo ku kuryo mur’ ayo mavuta ari ku rushi rwiwe rw’i bumoso, ayacucagirishe urwo rutoke rwiwe imbere yanje ibihetangabo ndwi;


Ayandi mavuta asigaye ku rushi rwiwe, uwo muherezi ayasīge mu mutwe w’uwo arikw arahumanurwa; uwo muherezi aheze amuhongerere imbere yanje:


ayacucagirishe urutoke rwiwe rwo ku kuryo imbere yanje ibihetangabo ndwi;


Aheze ayacucagire ibihetangabo ndwi kur’ uwo nyene guhumanurwa ngw avekw imibembe, avuge kw ahumanutse, arekurire iyo nyoni idora mu gahinga.


Kandi yābīre ku maraso ya ya masa, ayacucagize urutoke kur’ uwo mutemere wo guhongerako ku ruhande rw’i burasirazuba, atekw ayacucagize urutoke nyene imbere y’iyo ntebe ibihetangabo ndwi.


Aheze agicucagirekw ayo maraso n’urutoke rwiwe ibihetangabo ndwi, agihumanure, aceze kugira ngo kivek’ ubuhumane bg’Abisirayeli.


Iyo myaka yabaye nk’isabato, muharūre ayo masabato murumye ndwi, muyirumye imyaka ndwi ibihetangabo ndwi; ico gihe muzosanga harimw’ amasabato ndwi y’imyaka, ni yo myaka mirongwine n’icenda.


Ivyo ni bitātuma munyumvira, nanje nzokwongera kubahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.


nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe, nzobakubita ibihetangabo ndwi jewe ubganje, mbahōra ivyaha vyanyu.


nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe ndi n’uburake, kandi nzobahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.


ajōbeke urutoke rwiwe mur’ ayo maraso, ayacucagire ibihetangabo ndwi imbere yanje, hino ya ca gihuzu.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso y’ico kimazi gitangiwe ivyaha, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco ayavyagize hasi hambavu y’ico gicaniro.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso yaco, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco yose ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso y’ico kimazi, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco yose ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro.


Ayacucagira ku gicaniro ibihetangabo ndwi, arayakirobanuza bo n’ibintu vyaco vyose, bo n’ikigārigāri co gukaraba n’intebe yaco, ngw avyeze.


Mose arayikerera, yābīra amaraso yayo, ayasīgisha urutoke ku mahembe y’igicaniro impande zose, aragihumanura, araheza avyagiza ayo maraso hasi hambavu y’igicaniro, acezesha kugitangira impongano.


Abana biwe bamuhēreza amaraso, ayajōbekamw’ urutoke, ayasīga ku mahembe y’igicaniro, ayandi ayavyagiza hasi hambavu y’igicaniro:


Maze Eleyazari umuherezi akoze urutoke mu maraso yayo, ahagarare ahatumberanye n’umuryango w’ihema ry’ibonaniro, ayacucagire ibihetangabo ndwi.


Kand’ abaherezi ndwi baze bajane inzamba ndwi z’amahembe y’impfizi z’intama, bagende imbere y’isandugu; maze ku musi ugira indwi muze muzenguke ico gisagara ibihetangabo ndwi; kand’ abo baherezi baze bagende baravuza izo nzamba.


Nuko Yosuwa amaze kubarira abantu, ba baherezi ndwi bashirako baragenda, batwaye za nzamba ndwi, bar’ imbere y’Uhoraho, bagenda barazivuza; isandugu y’isezerano ry’Uhoraho ibaja inyuma.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ