Ni mubarire ikoraniro ryose ry’Abisirayeli, ku musi ugira icumi w’ uku kwezi, umuntu wese yiyabīrire umwagazi w’intama, ukw amazu ya ba se angana, umwagazi umwe‐umwe mu nzu yose.
Umumarayika aramwishura, ati Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bg’Īsumba vyose buzogutera igitūtu: ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w’Imana.
Mbona hagati ya ya ntebe na vya binyabugingo bine no hagati ya ba bakuru, Umwagazi w’Intama ahagaze, asa n’uwishwe, afise amahembe ndwi n’amaso ndwi, ni vyo Mpwemu ndwi z’Imana, zatumwe kwama zija mw isi yose.