Abalewi 4:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)3 namb’ ar’ umuherezi yarobanujwe amavuta aramutse akoze icaha, agacumuza ubgo bgoko, az’ atangire ico caha ciwe yakoze imasa y’umukangara itagira agasembga: ayinzanire kw ikimazi co gutangirwa ivyaha. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Maz’ abāgarutse bavuye mu kinyago bosereza Imana y’Abisirayeli ibimazi; batanga amamasa cumi n’abiri kw ikimazi c’Abisirayeli bose, n’amapfizi y’ intama mirongwicenda n’atandatu, n’imyagazi y’intama mirongwirindwi n’indwi; batanga n’amasuguru y’impene cumi n’abiri kw ikimazi gitangirwa ivyaha; ivyo vyose vyabaye ikimazi coserezwa Uhoraho.