Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 4:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Arambike ikiganza mu ruhanga rw’ico kimazi co gutangirwa ivyaha, agikererere aho bakererera ikimazi co kwosa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 4:29
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arikw amahera y’ibimazi vy’impongano n’ay’ ibimazi bitangirwa ivyaha, yo ntiyashirwa mu ngoro y’Uhoraho, yaba ay’ abaherezi.


Maze ya mapfizi y’ impene bayīgiza hafi imbere y’ umwami n’ikoraniro, ngw abe ikimazi co gutangirwa ivyaha; baraheza bayarambikakw ibiganza.


Az’ agikererere i ruhande y’igicaniro, ahahera i burārūko, imbere yanje; bene Aroni abaherezi bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose.


Maz’ arambike ikiganza mu ruhanga rw’ico kimazi co kwoswa, ni ho kizokwemerwa kumubera impongano.


Aheze akererere iyo masa imbere yanje, bene Aroni abaherezi bazane amaraso yayo, bayahereze, bayamijagire impande zose ku gicaniro co ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Abakuru b’iryo koraniro baheze barambike ibiganza mu ruhanga rw’iyo masa imbere yanje: baheze bayikererere ngaho nyene imbere yanje.


Arambike ikiganza mu ruhanga rwayo, ayikererere imbere yanje aho bahora bakererera ikimazi co kwosa: kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.


Arambike ikiganza mu ruhanga rw’ico kimazi co gutangirwa ivyaha, agikererere aho bakererera ikimazi co kwosa, kibe ikimazi gitangiwe ivyaha.


Azane iyo masa ku muryango w’ihema ry’ibonaniro imbere yanje, arambike ikiganza mu ruhanga rwayo, ayikererere imbere yanje.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ