Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 4:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Ibinure vyaco vyose avyosereze ku gicaniro, nk’uko bōsa ibinure vy’ikimazi c’ishimwe. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe, na we azoharirwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 4:26
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abaherezi barayakerera, batanga amaraso yayo ku gicaniro kw ikimazi gitangirwa ivyaha, ngo bahongerere Abayuda bose; kuk’ umwami yavuze kw ikimazi co kwoswa n’ikimazi co gutangirwa ivyaha bitangirwa Abayuda bose.


Maze ku musi ugira kabiri uz’ utange isuguru y’impene itagira agasembga kw ikimazi gitangirwa ivyaha; bayihumanuze igicaniro nk’uko bāgihumanurishije ya masa.


Maz’ arambike ikiganza mu ruhanga rw’ico kimazi co kwoswa, ni ho kizokwemerwa kumubera impongano.


Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwagazi w’intama, az’ azane intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri; imwe y’ikimazi co kwoswa, iyindi y’ikimazi co gutangirwa ivyaha: nuk’ umuherezi amuhongere, na we azoba ahumanutse.


Ayandi mavuta asigaye ku rushi rwiwe, uwo muherezi ayasīge mu mutwe w’uwo arikw arahumanurwa; uwo muherezi aheze amuhongerere imbere yanje:


uwo muherezi abitange kw ibimazi, kimwe co gutangirwa ivyaha, ikindi co kwoswa; nuk’ uwo muherezi amuhongerere imbere yanje, kubg’ igisokoro ciwe.


Kuk’ ubugingo bg’umubiri buba mu maraso, nanje nshinze kw aba ku gicaniro kubganyu, ngw abe impongano y’ubugingo bganyu: kukw amaraso ar’ impongano, kubg’ ubugingo buri muri yo.


Umuherezi aheze amuhongere iyo mpfizi y’intama y’ikimazi c’impongano c’icaha ciwe yakoze, ayitangire imbere yanje; na we azoharirwa ico caha yakoze.


Bene Aroni baheze bavyosereze ku gicaniro, babigeretse ku kimazi coswa kiri ku nkwi ziri ku muriro: ivyo bizoba ikimazi gitōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Az’ ayikūremw’ ibinure vyayo vyose, avyosereze ku gicaniro.


Ukw az’ abe ari kw agira iyo masa: nk’uko yagize ya masa yindi y’ikimazi gitangirwa ivyaha, az’ abe ari kw agira n’iyo. Nuk’ umuherezi azoba abahongeye, na bo bazoharirwa.


Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ ikimazi c’ishimwe: uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe umubabge ummotera neza. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye, na we azoharirwa.


Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ umwana w’intama w’ikimazi c’ ishimwe; uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, abigeretse ku bimazi nshikaniwe jewe Uhoraho, bigatōngōrwa n’umuriro. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe yakoze, na we azoharirwa.


Ica kabiri agitange kw ikimazi co kwoswa nk’uko bishinzwe. Nuk’ uwo muherezi azoba amuhongeye ku caha yakoze, na we azoharirwa.


Nuk’ uwo muherezi azoba amuhongeye ku caha yakoze ic’ ari co cose muri vya bindi bidōnzwe, na we azoharirwa: ifu isigaye iz’ ibe iy’ umuherezi, nk’uko bisanzwe biba kw ishikanwa rindi ry’amafu.


Kand’ az’ arihe ico kintu yafuditseko co mu vyera, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, abishīre umuherezi: uwo muherezi az’ amuhongere iyo mpfizi y’intama y’ikimazi c’impongano, na we azoharirwa.


Az’ azanire umuherezi impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira, ibe ikimazi c’ impongano. Uwo muherezi az’ amuhongere kur’ ico kintu yacumuye atabigize ibigirankana, atabizi, na we azoharirwa.


Umuherezi aheze amuhongerere imbere yanje, na we azoharirwa ico yakoze cose camutsindishije.


Umuherezi az’ atangire impongano ishengero ryose ry’Abisirayeli, na bo bazoharirwa; kuko batābikoze ibigirankana, kandi bakazoba bazanye ikimazi cabo co gutōngōrwa n’ umuriro nshikaniwe, jewe Uhoraho, bo n’ikimazi cabo co gutangirwa ivyaha aho nyene imbere yanje, batangiye ico caha cabaguyeko.


Uwo muntu caguyeko, umuherezi az’ amutangire impongano imbere yanje, amuhongere, na we azoharirwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ