Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 4:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso y’ico kimazi gitangiwe ivyaha, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco ayavyagize hasi hambavu y’ico gicaniro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 4:25
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Wābīre ku maraso y’iyo masa, uyasīgīshe urutoke ku mahembe y’igicaniro, amaraso yose uheze uyavyagize ahahera hasi ku gicaniro.


Ntimwaribgabimenye? Ntimwaribgavyumve? Ntimwaribgabibarirwe uhereye mbere na mbere? Ntimwaribgabitahure uhereye ah’ itanguriro ry’isi ryashiriweho?


Nukw asohotse, aheze aje ku gicaniro aho nyene imbere yanje, agitangirire impongano, yābīre ku maraso ya ya masa no ku ya ya mpene, ayasīge ku mahembe y’ico gicaniro impande zose.


Kuk’ ubugingo bg’umubiri buba mu maraso, nanje nshinze kw aba ku gicaniro kubganyu, ngw abe impongano y’ubugingo bganyu: kukw amaraso ar’ impongano, kubg’ ubugingo buri muri yo.


Kur’ ayo maraso nyene ayasīge ku mahembe y’igicaniro kir’ imbere yanje mw ihema ry’ibonaniro; ayandi maraso yose ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, kiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Arambike ikiganza mu ruhanga rwayo, ayikererere imbere yanje aho bahora bakererera ikimazi co kwosa: kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso yaco, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco yose ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso y’ico kimazi, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco yose ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro.


Kur’ ayo maraso nyene ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw imibavu itamirana, kiri mw ihema ry’ibonaniro imbere yanje; ayandi maraso yose y’iyo masa ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, kiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Yābīre ku maraso y’ico kimazi gitangirwa ivyaha, ayacucagire ku gicaniro ku ruhande rwaco rumwe; ayandi maraso ayamiminurire hasi hambavu y’igicaniro: ico kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.


Mose araheza yābīra ya mavuta yo kurobanuza, ayarobanuza rya hema bo n’ibirimwo vyose, aravyeza.


Mose arayikerera, yābīra amaraso yayo, ayasīgisha urutoke ku mahembe y’igicaniro impande zose, aragihumanura, araheza avyagiza ayo maraso hasi hambavu y’igicaniro, acezesha kugitangira impongano.


Abana biwe bamuhēreza amaraso, ayajōbekamw’ urutoke, ayasīga ku mahembe y’igicaniro, ayandi ayavyagiza hasi hambavu y’igicaniro:


Kuko Kristo ari we ivyagezwe bishikirako, kugira ngw aheshe uwizera wese ukugororoka.


Kukw iyo, (ni yo yaremewe vyose kandi ni yo ibeshejeho vyose), mu kurōngōra abana benshi ngw ibazane mu bgiza, vyari biyikwiye gutunganisha rwose indōngōzi y’agakiza kabo kubabazwa.


Nk’ukw ivyagezwe biri, ibintu ni nka vyose vyozwa n’amaraso, kandi hatavuye amaraso ntihaba guharirwa ivyaha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ