Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 4:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Aheze ajane ivy’ iyo masa inyuma y’aho mushagaje, abiturire nk’uko yaturiye ivy’ imasa ya mbere: ico kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha vy’ ishengero.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 4:21
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ abāgarutse bavuye mu kinyago bosereza Imana y’Abisirayeli ibimazi; batanga amamasa cumi n’abiri kw ikimazi c’Abisirayeli bose, n’amapfizi y’ intama mirongwicenda n’atandatu, n’imyagazi y’intama mirongwirindwi n’indwi; batanga n’amasuguru y’impene cumi n’abiri kw ikimazi gitangirwa ivyaha; ivyo vyose vyabaye ikimazi coserezwa Uhoraho.


Arikw inyama z’iyo masa, n’urusato rwayo, n’amayezi yayo, ubituririre inyuma y’insago: kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.


Kandi kur’ uwo musi segaba az’ atange imasa kw ikimazi gitangirwa ivyaha, co kubgiwe no kubg’ igihugu cose.


Aheze akerere ya mpene y’ikimazi co gutangirwa ivyaha vy’abantu, yinjirane amaraso yayo hirya ya ca gihuzu, ayagenze nk’uko yagenjeje amaraso ya ya masa, ayacucagire kuri wa mutemere wo guhongerako, bo n’imbere yawo.


Uwo Aroni aheze arambike ibiganza vyiwe vyompi mu ruhanga rw’iyo mpene idora, ayaturirekw ibigabitanyo vy’Abisirayeli vyose, n’ ibicumuro vyabo vyose, n’ivyaha vyabo vyose; abiremeke mu ruhanga rw’iyo mpene, ayihe umuntu yari yibangikanije, ayijane mu bugaragwa.


Kand’ ivya ya masa y’ikimazi catangiwe ivyaha, n’ivya ya mpene y’ikimazi catangiwe ivyaha nyene, bimwe amaraso yavyo yinjijwe Ahēra kuba impongano, babiterure, babijane inyuma y’aho mushagaje, baturire insāto zavyo, n’inyama zavyo, n’amayezi yavyo;


Kand’ ikoraniro ryose ry’ Abisirayeli ni ryaramuka ricumuye, ritabigize ibigirankana, ntibabimenye, bakoze mu vyo jewe Uhoraho nabuzanije, bakikwegera gutsindwa n’urubanza;


Ukw az’ abe ari kw agira iyo masa: nk’uko yagize ya masa yindi y’ikimazi gitangirwa ivyaha, az’ abe ari kw agira n’iyo. Nuk’ umuherezi azoba abahongeye, na bo bazoharirwa.


Maze yambure iyo myambaro yiwe, yambare iyindi, aheze aje gusēsa uyo munyota inyuma y’aho mushagaje, ahantu hadahumanye.


Ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu umuherezi azotanga, rize rishe ryose, ritōngōke: ntirize riribge na mba.


Arikw ivy’ iyo masa, urusato rwayo n’inyama zayo n’amayezi yayo abituririra inyuma y’aho bashagaje, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.


uti Namb’ ico caha kizoba gikozwe mu buryo butar’ ubg’ ibigirankana, ishengero ritabizi, ishengero ryose rize ritange ishuri y’umukangara kw ikimazi co kwoswa, kibe umubabge ummotera neza, jewe Uhoraho, bagitangane n’ishikanwa bigendanye ry’ifu, n’iry’ ibiturire, nk’uko vyashinzwe, batange n’isuguru y’impene kw ikimazi co gutangirwa ivyaha.


nk’uk’ Umwana w’umuntu atāzanywe no gukorerwa, atar’ ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


Kukw imivyimba ya vya bitungwa, ivyo umuherezi mukuru ajana amaraso yavyo ahēra kuba impongano y’ivyaha, ituririrwa inyuma y’insago.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ