Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 4:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Kur’ ayo maraso nyene ayasīge ku mahembe y’igicaniro kir’ imbere yanje mw ihema ry’ibonaniro; ayandi maraso yose ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, kiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 4:18
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko bakerera ayo mamasa, abaherezi batega amaraso, bayamija ku gicaniro; bakerera n’ayo mapfizi y’intama, bamija amaraso yayo kur’ ico gicaniro, bakerera n’iyo myagazi y’intama, bamija n’amaraso yayo kur’ ico gicaniro nyene.


Wābīre ku maraso y’iyo masa, uyasīgīshe urutoke ku mahembe y’igicaniro, amaraso yose uheze uyavyagize ahahera hasi ku gicaniro.


Aroni az’ ahongere ico gicaniro rimwe gusa mu mwaka; amaraso y’ikimazi c’impongano gitangirwa ivyaha az’ ayakoze ku mahembe yaco, abe ari yo akibera impongano rimwe gusa mu mwaka, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana: ico gicaniro kizoba icera cane, cerejwe jewe Uhoraho.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso y’ico kimazi gitangiwe ivyaha, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco ayavyagize hasi hambavu y’ico gicaniro.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso yaco, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco yose ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso y’ico kimazi, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco yose ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro.


Kur’ ayo maraso nyene ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw imibavu itamirana, kiri mw ihema ry’ibonaniro imbere yanje; ayandi maraso yose y’iyo masa ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, kiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Yābīre ku maraso y’ico kimazi gitangirwa ivyaha, ayacucagire ku gicaniro ku ruhande rwaco rumwe; ayandi maraso ayamiminurire hasi hambavu y’igicaniro: ico kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.


Kand’ ikimazi cose gitangirwa ivyaha, amaraso yaco akajanwa mw ihema ry’ibonaniro, agahongerwa ahēra, ntikize kiribge na mba: ariko kize giturirwe.


Mose arayikerera, yābīra amaraso yayo, ayasīgisha urutoke ku mahembe y’igicaniro impande zose, aragihumanura, araheza avyagiza ayo maraso hasi hambavu y’igicaniro, acezesha kugitangira impongano.


Abana biwe bamuhēreza amaraso, ayajōbekamw’ urutoke, ayasīga ku mahembe y’igicaniro, ayandi ayavyagiza hasi hambavu y’igicaniro:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ