Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 4:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Abakuru b’iryo koraniro baheze barambike ibiganza mu ruhanga rw’iyo masa imbere yanje: baheze bayikererere ngaho nyene imbere yanje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 4:15
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze ya mapfizi y’ impene bayīgiza hafi imbere y’ umwami n’ikoraniro, ngw abe ikimazi co gutangirwa ivyaha; baraheza bayarambikakw ibiganza.


Uhoraho abarira Mose, ati Dūga aho ndi, mwe na Aroni na Nadabu na Abihu, n’abakuru bo mu Bisirayeli mirongwirindwi, musenge mukiri kure:


Maze Mose adūgana na Aroni na Nadabu na Abihu, na ba bakuru b’Abisirayeli mirongwirindwi:


Ikimazi c’umuntu co kwoswa, ni cāba ar’ ico mu busho, az’ atange imasa itagira agasembga: ayitangire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo yemerwe imbere yanje.


Maz’ arambike ikiganza mu ruhanga rw’ico kimazi co kwoswa, ni ho kizokwemerwa kumubera impongano.


Uwo Aroni aheze arambike ibiganza vyiwe vyompi mu ruhanga rw’iyo mpene idora, ayaturirekw ibigabitanyo vy’Abisirayeli vyose, n’ ibicumuro vyabo vyose, n’ivyaha vyabo vyose; abiremeke mu ruhanga rw’iyo mpene, ayihe umuntu yari yibangikanije, ayijane mu bugaragwa.


Maz’ umuherezi yarobanujwe amavuta az’ azane ku maraso y’iyo masa mw ihema ry’ibonaniro,


Azane iyo masa ku muryango w’ihema ry’ibonaniro imbere yanje, arambike ikiganza mu ruhanga rwayo, ayikererere imbere yanje.


Araheza azana ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, Aroni n’abana biwe bayirambika ibiganza mu ruhanga.


Araheza azana impfizi y’ intama y’ikimazi co kwoswa; Aroni n’abana biwe bayirambika ibiganza mu ruhanga.


Araheza azana ya mpfizi y’intama yindi, ari yo yo kubinjiza mw ibango, Aroni n’abana biwe bayirambika ibiganza mu ruhanga.


Uhoraho abarira Mose, ati Nkoraniriza abagabo mirongwirindwi bo mu bakuru b’Abisirayeli, abo uzi kw ar’ abakuru koko, baganza abantu, ubazane kw ihema ry’ibonaniro, bahagararaneho nawe.


Uhoraho amanuka ari muri ca gicu, amubarira amajambo, araheza yābīra ku mpwemu iri kuri Mose, ayishira kur’ abo bakuru mirongwirindwi: maz’ iyo mpwemu ibahagazeko baca bavugishwa n’Imana, ariko bagarukirizaho.


Kand’ igihe uzanye Abalewi imbere yanje jewe Uhoraho, Abisirayeli babarambikekw ibiganza.


Maz’ Abalewi barambike ibiganza mu ruhanga rw’ ayo mamasa, uheze utange imwe kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, iyindi kw ikimazi co kwoswa, bibe ivyo nshikaniwe jewe Uhoraho, kw impongano y’Abalewi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ