13 Kand’ ikoraniro ryose ry’ Abisirayeli ni ryaramuka ricumuye, ritabigize ibigirankana, ntibabimenye, bakoze mu vyo jewe Uhoraho nabuzanije, bakikwegera gutsindwa n’urubanza;
Abo bararahira bakorana mu ntoke yuko birukana abagore babo; kandi batanga impfizi y’ intama kw iciru, kuko batsinzwe n’urubanza.
Kandi wame uzigama umusavyi wawe sinze nkore ivyaha ibigirankana, Ntibize binganze: ni ho nzobona gutungana rwose, Sinzotsindwa n’urubanza rw’ icaha gikomeye.
Kandi kur’ uwo musi segaba az’ atange imasa kw ikimazi gitangirwa ivyaha, co kubgiwe no kubg’ igihugu cose.
Nzogenda nisubirire i wanje, kugeza aho bazokwemerera igicumuro cabo, bakarondera mu nyonga hanje: babonye ivyago bazoca bandonderana umwete.
Maze yake ikoraniro ry’Abisirayeli amasuguru abiri y’impene kuba ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’impfizi y’intama kuba ikimazi co kwoswa.
Aheze ajane ivy’ iyo masa inyuma y’aho mushagaje, abiturire nk’uko yaturiye ivy’ imasa ya mbere: ico kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha vy’ ishengero.
Kandi ni hagira umuntu akora icaha, agakora na kimwe mu vyo nabuzanije; naho yoba agikoze atabizi, aba atsinzwe, kand’ azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe.
iy’ akoze ico caha, akumva kw atsinzwe, az’ arihe ico yambuye, cank’ ico yaronkeshejwe n’agahahazo, cank’ ico yabikijwe, cank’ icari cazimiye yatoye,
Uti Kandi ni mwacumura, ntimwitondere ivyo vyagezwe vyose yantumye,
Ni co gituma, umuntu wese azorya umutsima w’Umwami wacu, cank’ azonywera ku gikombe ciwe, uko bidakwiye, azotsindwa n’urubanza rw’uko yakēngereye umubiri n’amaraso vy’Umwami.
naho nabanje kumurogotako no kumuhīga no kumwambika ibara. Ariko naragiriwe ikigongwe kuko nabikoze ntabizi ntarizera;
Ereg’ Abisirayeli bacumuye, kuko baciye mw isezerano ryanje nari nabageze kwitondera, bagasotōra ku vyagizwe inyegu yanje, bakavyiba, bagatako bakabirenzako, mbere bakabisukiranya n’ibintu vyabo.