11 Kand’ urusato rw’iyo masa, n’inyama zayo zose, hamwe n’umutwe wayo, n’ibikenye vy’amaguru, n’amara yayo, n’amayezi yayo,
Nk’ukw i burasirazuba hitanguye i burengerazuba, Uko ni ko yashize kure ibicumuro vyacu.
Arikw inyama z’iyo masa, n’urusato rwayo, n’amayezi yayo, ubituririre inyuma y’insago: kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.
Kand’ ivya ya masa y’ikimazi catangiwe ivyaha, n’ivya ya mpene y’ikimazi catangiwe ivyaha nyene, bimwe amaraso yavyo yinjijwe Ahēra kuba impongano, babiterure, babijane inyuma y’aho mushagaje, baturire insāto zavyo, n’inyama zavyo, n’amayezi yavyo;
babikūre nk’uko nyene bahora babikūra ku masa y’ikimazi c’ishimwe; uyo muherezi avyosereze ku gicaniro co kwoserezakw ibimazi.
Aheze ajane ivy’ iyo masa inyuma y’aho mushagaje, abiturire nk’uko yaturiye ivy’ imasa ya mbere: ico kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha vy’ ishengero.
Kand’ ikimazi cose gitangirwa ivyaha, amaraso yaco akajanwa mw ihema ry’ibonaniro, agahongerwa ahēra, ntikize kiribge na mba: ariko kize giturirwe.
Muyihe Eleyazari umuherezi, ijanwe inyuma y’aho mushagaje, ikerererwe imbere yiwe.
Iyo nka iheze ituririrwe aho nyene imbere yiwe; iturirwe yose, uhereye ku rusato rwayo n’inyama zayo n’ubuseri bgayo n’amayezi yayo.