Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 3:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Maz’ ico kimazi ciwe c’ishimwe agikūrekw ishikanwa anshikanira ryo gutōngōrwa n’umuriro, ribe ibinure vy’uwo mwana w’intama; umurizo wawo uko wagahometsekw ibinure, az’ awucire mu nguge udasonōye, n’urubambanda rwōrōshe amara, n’ibinure vyose bihometse ku mara,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 3:9
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko binjiza iyo sandugu y’Uhoraho, bayishira aho yagerewe hagati mw ihema Dawidi yari yarayishingiye. Dawidi araheza atangira imbere y’Uhoraho ibimazi vyoswa n’ivy’ ishimwe.


Maze Salomo aribambura, amenya kw ar’ inzozi. Maz’ aja i Yerusalemu, ahagarara imbere y’isandugu y’isezerano ry’Uhoraho, ahosereza ibimazi, ahatangira n’ibimazi vy’ishimwe, atumirira abantu biwe bose amazimano.


Salomo azanira Uhoraho inka ibihumbi mirongwibiri na bibiri n’intama ibihumbi ijana na mirongwibiri kw ibimazi vy’ishimwe. Uko ni k’umwami n’Abisirayeli bose bashikirije Uhoraho ingoro yiwe.


Kur’ uwo musi umwami ashinga umwanya wo hagati mu nyubakwa imbere y’ingoro y’ Uhoraho, arahēza; aho ni ho yoshereje ibimazi vyo kwoswa n’ amashikanwa y’amafu n’ibinure vy’ibimazi vy’ishimwe, kukw igicaniro c’umuringa car’ imbere y’ Uhoraho cari gito, kitokwirwakw ibimazi vyo kwoswa n’amashikanwa y’amafu n’ibinure vy’ibimazi vy’ishimwe.


Nuko binjiza iyo sandugu y’Imana, bayishira hagati mw ihema Dawidi yari yarayishingiye. Baraheza batangira imbere y’Imana ibimazi vyoswa n’ivy’ ishimwe.


Uheze wābīre ibinure vy’iyo mpfizi y’intama, n’umurizo wayo uko wagahometsekw ibinure, n’ urubambanda rwōrōshe amara, n’agashami gatoya k’igitigu, n’ amafyigo yompi, n’ibinure bihometse kuri yo, n’igikenye c’ukuguru kwayo kw’i buryo, kukw ar’ impfizi y’intama yo kubinjiza mur’ iryo bango;


Mwana wanje, mpa umutima wawe, Kand’ amaso yawe ahimbarwe n’inzira zanje.


Yamar’ Uhoraho yashimye kumujanjagura, yaramubabaje; ah’ azotanga ubugingo bgiwe kw ikimazi co gukūrah’ ivyaha, azobona uruvyaro rwiwe, azoramba, ivyo Uhoraho agomba bizoshitswa neza n’ukuboko kwiwe.


Ivyo n’ukugira ngw Abisirayeli baze bazane ibimazi vyabo, ivyo bahora batangira mu gahinga, babinzanire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, babihe umuherezi, babinshikanire kw ibimazi vy’ishimwe.


Kandi batange ibinure vyaco vyose, ari vyo murizo uko wagahometsekw ibinure, n’urubambanda rwōrōshe amara,


Maze yābīra ibinure vyayo, n’umurizo wayo uko wagahometsekw ibinure, n’urubambanda rwose rwōrōshe amara, n’agashami gatoya k’igitigu, n’amafyigo yompi, n’ibinure vyo kuri yo, n’igikenye c’ukuguru kwayo kw’i buryo.


bamuhēreza ibinure vy’iyo mpfizi, n’ivy’ iyo mpfizi y’intama, n’umurizo uko wagahometsekw ibinure, n’urubambanda, n’amafyigo, n’udushami dutoya tw’ibitigu;


ivyatanzwe kw ibimazi vy’ishimwe vyose na vyose n’amapfizi y’inka mirongwibiri n’ane, n’amapfizi y’intama mirongwitandatu, n’ay’ impene mirongwitandatu, n’amasuguru y’intama atarengeje umwaka mirongwitandatu nyene. Ivyo ni vyo bāshikanye mu gushikiriza Imana igicaniro, kimaze kurobanuzwa amavuta.


Kand’ uz’ unyitangire imbere, umanuke i Gilugali; nanje nyene nzomanuka ngusangeyo, nje kwosa ibimazi no gutanga ivy’ ishimwe. Uz’ undorēre imisi ndwi kugeza igihe nzogusangayo nkakwereka uk’ ukwiye kugenza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ