Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 3:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kand’ ishikanwa ryiwe ry’ ikimazi c’ishimwe anshikaniye, ni caba ar’ ico akūye mu mukuku, ar’ isuguru cank’ ishashi, az’ agitange kitagira agasembga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 3:6
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imikuku yose y’i Kedari izokoranirizwa kuri wewe, amapfizi y’intama y’i Nebayoti azogukorera; azokwūrira igicaniro canje yemerwe, nzokwubahiriza inzu yanje y’icubahiro.


Kand’ ikimazi ciwe co kwoswa ni caba ar’ ico mu mukuku, ar’ intama cank’ impene, az’ atange isuguru itagira agasembga.


ati Barira Abisirayeli, uti Ni haramuka hagize ūmuha ikimazi, muze mukūre ivyo bimazi mu vyo mutunze, ari mu masho canke mu mikuku.


Ni mwanshikanira ikimazi c’ishimwe, muze mugishikane uburyo butuma mwemerwa.


Arikw igifise agasembga cose ntimuze mugitange, kuko kitazokwemerwa ko mushikanye.


Mutange n’isuguru y’impene kw ikimazi gitangirwa ivyaha, n’amasuguru abiri y’intama atarengeje umwaka, kw ikimazi c’ishimwe.


Kand’ az’ atange na vino y’ikigirakane ca hini nyene, kw ishikanwa ry’ibiturire; ivyo bize bihore bitanganwa n’umwagazi w’intama wose, iy’ uje kw ikimazi co kwoswa canke co gutangwa mu bundi buryo.


anzanire ishikanwa ryiwe, jewe Uhoraho: azane isuguru imwe y’intama itarengeje umwaka, itagira agasembga, kw ikimazi co kwoswa, bo n’ishashi imwe y’ intama itarengeje umwaka nyene, itagira agasembga, kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’impfizi y’intama imwe itagira agasembga kw ikimazi c’ishimwe,


Kandi vy’ukuri mur’ iki gisagara, Herode, bo na Pontiyo Pilato hamwe n’abanyamahanga n’imiryango ya Isirayeli, bākoraniye kurwanya Umushumba wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta,


Ntihashobora kuba Umuyuda cank’ Umugiriki, ntihashobora kuba umugurano cank’ uwidegemvya, ntihashobora kuba umugabo cank’ umugore; kuko mwese mur’ umwe muri Kristo Yesu.


Maz’ igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe,


vy’ingene izogenza vyose, igihe gikwiye gishitse, gukoraniriza vyose muri Kristo, ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ