Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 3:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Bene Aroni baheze bavyosereze ku gicaniro, babigeretse ku kimazi coswa kiri ku nkwi ziri ku muriro: ivyo bizoba ikimazi gitōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 3:5
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kur’ uwo musi umwami ashinga umwanya wo hagati mu nyubakwa imbere y’ingoro y’ Uhoraho, arahēza; aho ni ho yoshereje ibimazi vyo kwoswa n’ amashikanwa y’amafu n’ibinure vy’ibimazi vy’ishimwe, kukw igicaniro c’umuringa car’ imbere y’ Uhoraho cari gito, kitokwirwakw ibimazi vyo kwoswa n’amashikanwa y’amafu n’ibinure vy’ibimazi vy’ishimwe.


Hanyuma bakitegura ivyabo ubgabo bo n’ivy’ abaherezi, kukw abo baherezi bo mu ba Aroni batātirimuka kubgo kwosa ibimazi n’ibinure, bukarinda bgira; ni co catumye Abalewi bitegura ivyabo ubgabo, bakitegura n’ivy’ abo baherezi bo mu ba Aroni.


Maze wābīre urubambanda rwose rwōrōshe amara, n’agashami gatoya k’igitigu, n’amafyigo yompi, n’ ibinure bifashe kuri yo, uvyosereze ku gicaniro.


Arikw abaherezi b’Abalewi, bene Sadoki, bāsigaye bitondera ivyo bājejwe vy’ahēra hanje igihe Abisirayeli bāzimira bakanta, abo bo bazonyegēra kugira ngo bankorere; bazohagarara imbere yanje bampēreza ibinure n’amaraso, ni k’Umwami Uhoraho agize:


ko mwinjije abanyamahanga batākebge mu mitima no ku mibiri ngo babe ahēra hanje, ngo bahumanye ingoro yanje, igihe mutanga ivyo kurya vyanje vy’ ibinure n’amaraso, maze bakica isezerano ryanje, bakongereza ku bizira vyanyu vyose.


arikw amara n’ibikenye vy’amaguru abanze abironge mu mazi; maz’ umuherezi abihereze vyose, avyosereze kur’ ico gicaniro. Kizoba ar’ ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Aheze afate amababa yaco agitānye, ariko ntacahukanye: maz’ uwo muherezi acosereze ku gicaniro, akigeretse ku nkwi ziri ku muriro. Kizoba ar’ ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


arikw amara yayo n’ibikenye vyayo vy’amaguru abanze abironge mu mazi; maz’ umuherezi avyosereze vyose ku gicaniro, bibe ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro: ivyo bizoba bibaye imfungurwa nshikaniwe jewe Uhoraho, zitōngōrwa n’umuriro.


n’amafyigo yompi, n’ ibinure bihometse kuri yo, ahahereranye n’umurya, n’agashami gatoya k’igitigu, agakūrane n’ amafyigo.


Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ ikimazi c’ishimwe: uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe umubabge ummotera neza. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye, na we azoharirwa.


Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ umwana w’intama w’ikimazi c’ ishimwe; uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, abigeretse ku bimazi nshikaniwe jewe Uhoraho, bigatōngōrwa n’umuriro. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe yakoze, na we azoharirwa.


Nuk’ umuriro wo ku gicaniro uze wame waka, ntuzime; umuherezi aze yame awucana, awurundekw inkwi uko bukeye, aheze azigerekekw ivy’ ikimazi co kwoswa, acoserezekw ibinure vy’ibimazi vy’ishimwe.


Azana n’ishikanwa ry’ ifu, ayikamatak’ urushi rumwe, ayosereza ku gicaniro, ayongeye ku kimazi coshejwe co mu gitondo.


Kandi ni mwatanga ishuri kw ikimazi co kwoswa canke co gutangwa mu bundi buryo, ar’ ico gushitsa isezerano, cank’ ar’ ic’ ishimwe mpawe jewe Uhoraho,


Arik’ uburiza bg’ inka canke bg’intama canke bg’ impene, ntuze wāke incungu zabgo: izo zizoba izera; uz’ umije amaraso yazo ku gicaniro, wose ibinure vyazo kuba ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, bimbere umubabge ummotera neza, jewe Uhoraho.


imasa yose muze muyitangane n’ibigiracumi bitatu vy’ifu igogōretse vy’iyo ngero ya efa, ivanzwe n’amavuta ya elayo, kw ishikanwa ry’ifu; ya mpfizi y’intama na yo muyitangane n’ ibigiracumi bibiri vy’ifu igogōretse vy’iyo ngero nyene, ivanzwe n’amavuta ya elayo;


Ubabarire, ut’ Iki ni co kimazi co gutōngōrwa n’umuriro muzohora mumushikanira: muze mutange abana b’intama babiri‐babiri uko bukeye, b’amasuguru, batarengeje umwaka, batagira agasembga, kw ibimazi vyo kwoswa vy’intasība.


mwubakwe nk’amabuye afise ubugingo, kugira ngo mube inzu yo mu buryo bg’impwemu, mugire ibango ry’ubuherezi ryera, ngo mutange ibimazi mu buryo bg’impwemu, bishimwa n’Imana kubga Yesu Kristo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ