Abalewi 3:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)17 Bize bibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, yuko mu ngo zanyu zose mutazokwigera mugeza mu kanwa ibinure cank’ ubuseri. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Mw ihema ry’ibonaniro, hino ya ca gihuzu gikingiye vya Bishinga intahe, abe ari ho Aroni n’abana biwe bazokwama baritunganiriza, kugira ngo rize ryame ryaka imbere yanje, jewe Uhoraho, rihēre ku mugoroba rishitse mu gitondo. Iryo rize ribe ibgirizwa ry’intahava ryo kwitonderwa n’Abisirayeli ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.
Inyuma ya ca gihuzu gikingiriye vya Bishinga intahe, mw ihema ry’ibonaniro, az’ abe ari ho Aroni azokwama aritunganiriza, kugira ngo rize ryame ryaka imbere yanje, rihēre ku mugoroba rishitse mu gitondo ubudasība: iryo rize ribabere ibgirizwa ry’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana.