1 Kand’ ishikanwa ry’umuntu ni ryaba ar’ ikimazi c’ishimwe akūye mu busho, ar’ imasa cank’ inyana, az’ agitange kitagira agasembga imbere yanje.
Maze Dawidi ahubakira Uhoraho igicaniro, ahosereza ibimazi, atanga n’ ibimazi vy’ishimwe, yambaza Uhoraho; Uhoraho amwishurisha kurekura umuriro, utibukira kur’ ico gicaniro yosherejekw ibimazi.
Igicaniro muzongirira, muze mukirundarunde mw ivu, abe ari ho mutangira ibimazi vyanyu vyo kwoswa n’ivy’ ishimwe, ar’ ivyo mu ntama zanyu canke mu nka: ahantu hose izina ryanje rizokwibukirwa nzohabasanga, mbahe umugisha.
Atuma imisore yo mu Bisirayeli ija gutanga ibimazi, iravyosa, no kubāgira Uhoraho amashuri y’imikangara kw ibimazi vy’ishimwe.
Ivyo bizoba umuturi Aroni n’abana biwe bazohora bashingura mu Bisirayeli ibihe vyose, kukw ar’ umwanya w’abaherezi mu mashikanwa y’ishimwe Abisirayeli bazohora bashikana; rizoba ishikanwa bangereye, jewe Uhoraho.
Ati Nari nsanzwe nkwiye gutanga ikimazi c’ishimwe: Non’ uyu musi nashikije ivyo nasezeranye.
Maze ni barangiza iyo misi, uhereye umusi ugira umunani, abaherezi baze bahereko babatangire ibimazi vyanyu ku gicaniro, ari vyo bimazi vyo kwoswa n’ibimazi vy’ishimwe; nanje nzobākīrira, ni k’Umwami Uhoraho agize.
mutange n’umwagazi w’intama umwe‐umwe ukūwe mu mukuku w’amajana abiri‐abiri, mu mikuku y’imiryango y’Abisirayeli; ivyo vyose bize bibe ishikanwa ry’ amafu, n’ikimazi co kwoswa, n’ ibimazi vy’ishimwe, kugira ngo batangirwe impongano, ni k’ Umwami Uhoraho agize.
Kand’ ikimazi ciwe co kwoswa ni caba ar’ ico mu mukuku, ar’ intama cank’ impene, az’ atange isuguru itagira agasembga.
Ikimazi c’umuntu co kwoswa, ni cāba ar’ ico mu busho, az’ atange imasa itagira agasembga: ayitangire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo yemerwe imbere yanje.
Ivyo n’ukugira ngw Abisirayeli baze bazane ibimazi vyabo, ivyo bahora batangira mu gahinga, babinzanire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, babihe umuherezi, babinshikanire kw ibimazi vy’ishimwe.
Kand’ ishikanwa ryiwe ry’ ikimazi c’ishimwe anshikaniye, ni caba ar’ ico akūye mu mukuku, ar’ isuguru cank’ ishashi, az’ agitange kitagira agasembga.
Kand’ akerera ya mpfizi y’inka na ya mpfizi y’intama kw ikimazi c’ishimwe gitangiwe abantu; abana biwe bamuhēreza amaraso, ayamijagira ku gicaniro impande zose;
n’impfizi y’inka n’impfizi y’intama kw ikimazi c’ishimwe, vyo gukererera imbere y’Uhoraho; bo n’ishikanwa ry’ifu ivanze n’ amavuta ya elayo; kuk’ uyu musi Uhoraho agira abiyereke.
Mbere naho mwonshikanira ibimazi vyoswa n’amashikanwa y’amafu, sinzovyemera; kand’ ibimasa vyanyu binuze muzanakw ibimazi vy’ ishimwe, sinzobishirako n’ijisho.
Arik’ umuntu w’ingunge aravumwe, afise isukurume mu mukuku wiwe yasezeranye kuyishikana, maz’ agashikanira Umwami Imana iyifise agasembga; kuko nd’Umwami ahambaye, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kand’ izina ryanje riteye ubgoba mu banyamahanga.
Ereg’ iyo mutanze impumyi kw ikimazi, mugira ngo Nta co biriko! N’iyo mutanze iyicumbagira n’iyirwaye, na ho nyene ngo Nta co biriko! Genda uyishikanire icēgēra c’umwami: mbeg’ ubgo yogushimira, canke yokwemera n’uko mubonana? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo abaza.
Kandi ni mwatanga ishuri kw ikimazi co kwoswa canke co gutangwa mu bundi buryo, ar’ ico gushitsa isezerano, cank’ ar’ ic’ ishimwe mpawe jewe Uhoraho,
anzanire ishikanwa ryiwe, jewe Uhoraho: azane isuguru imwe y’intama itarengeje umwaka, itagira agasembga, kw ikimazi co kwoswa, bo n’ishashi imwe y’ intama itarengeje umwaka nyene, itagira agasembga, kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’impfizi y’intama imwe itagira agasembga kw ikimazi c’ishimwe,
n’amapfizi abiri y’inka, n’amapfizi atanu y’intama, n’ay’ impene atanu, n’amasuguru y’intama atanu atarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi c’ishimwe; iryo ni ryo shikanwa rya Nahashoni mwene Aminadabu.
n’amapfizi abiri y’inka, n’amapfizi atanu y’intama, n’ay’ impene atanu, n’amasuguru y’intama atanu atarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi c’ishimwe; iryo ni ryo shikanwa rya Gamaliyeli mwene Pedasuri.
mu bimazi vyo kwoswa, inyama zavyo bo n’ amaraso muze mubitangire ku gicaniro c’Uhoraho Imana yanyu; mu bindi bimazi vyanyu, amaraso az’ abe ari yo avyagizwa ku gicaniro c’Uhoraho Imana yanyu, namwe murye inyama zavyo.
kandi yahimbawe no kumuha kwuzuza vyose na yo, ar’ ivyo mw isi, ar’ ivyo mw ijuru, izanishije impore amaraso yo ku musaraba wiwe.
twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.
ico twabonye tukacumva ni co tubabgira namwe, kugira ngo namwe mufatanye natwe. Kandi natwe dufatanije na Data wa twese n’Umwana wiwe Yesu Kristo.
Maz’ ingabo zose z’Abisirayeli n’abantu bose baradūga, baja i Beteli, bicara ngaho imbere y’ Uhoraho barira, bīrirwa bīsonzesheje kugeza ku mugorōba, batangira ngah’ imbere y’Uhoraho ibimazi vyo kwoswa n’ibimazi vy’ ishimwe.
Bukeye abantu bakoroka kare, bahubaka igicaniro, bahatangira ibimazi vyo kwoswa n’ivy’ ishimwe.