7 Kand’ uhereye k’ūrengeje imyaka mirongwitandatu, ni yaba umugabo uzoba ukwiye kumucira shekeli z’ifeza cumi na zitanu, ni yaba umugore umucire icumi.
Imisi y’imyaka yacu n’imyaka mirongwirindwi, Canke naho, kubg’ intege nyinshi, yoshika kuri mirongumunani, Yamar’ ivyiratwa vyayo n’ ubutame n’umubabaro, Kukw ishira vuba, natwe tukaba tugurutse.
Kand’ uhereye k’ūmaze ukwezi kumwe gushitsa k’ūshikanye imyaka itanu, ni yaba umuhungu uzoba ukwiye kumucira shekeli z’ifeza zitanu, ni yaba umukobga, umucire zitatu.
Arik’ uwasezeranye ni yaba umworo, ntashobore ico waciriye, baze bamujane imbere y’umuherezi, uwo muherezi amucire ico akwiye: amucire igiciro gihwanye n’ico uwasezeranye ashobora gutanga.