31 Maz’ umuntu ni yagomba gucungura ikigiracumi ciwe mur’ ivyo, ico agicunguje akigerekekw ikingana n’ikigiragatanu caco.
Bukeye Yowasi abarira abaherezi, at’ Amahera yose azanwa mu ngoro y’Uhoraho, atanzwe mu buryo bg’inyegu, ari yo mahera y’ incungu z’abaharūwe, n’ayo umuntu wese aciriwe, n’ayo umuntu wese azokwiyumvira mu mutima wiwe kuzana mu ngoro y’Uhoraho;
Na ho ni caba ico mu bitunzwe bizira, uwo muntu az’ agicungure nk’uko waciriye, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco; ariko ni kitacungurwa, kize kigurwe nk’uko waciriye.
Mu vyeze mu gihugu, vyaba ivyo mu ndimiro, cank’ ivyamye ku biti, ikigiracumi c’ivyo vyose n’icanje, jewe Uhoraho: n’icera canje.
Kandi mu masho no mu mikuku, uko zigenda ziharūzwa inkoni, ikigiracumi co mur’ izo zose kize kibe icera canje, jewe Uhoraho.
Kand’ az’ arihe ico kintu yafuditseko co mu vyera, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, abishīre umuherezi: uwo muherezi az’ amuhongere iyo mpfizi y’intama y’ikimazi c’impongano, na we azoharirwa.