Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 27:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Mu vyeze mu gihugu, vyaba ivyo mu ndimiro, cank’ ivyamye ku biti, ikigiracumi c’ivyo vyose n’icanje, jewe Uhoraho: n’icera canje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 27:30
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kand’ Imana Isumba vyose iragahezagirwa, yagushize abansi mu maboko! Nuko Aburamu amuha ikigiracumi muri vyose.


n’iri buye nshinze kw inkingi rizoba inzu y’ Imana: ati Kandi ku vy’uzohora umpa vyose, sinzobura kuguhamw’ ikigiracumi.


Arik’ uko muzokwimbura kwose, muzokwama muha Farawo igihimba ca gatanu c’ivyo mwimbuye; namwe ibihimba bine bizoba ivyanyu, ngo mubikūrekw imbuto, bibe n’ivyo kurya vyanyu n’abo mu ngo zanyu n’abana banyu.


Nuko Yosefu abigira icagezwe, kikiriho na bugingo n’ubu, yukw igihimba ca gatanu c’ivyimburwa vyo mu gihugu ca Egiputa kizoba ica Farawo: amatongo y’abaherezi yonyene ni yo atabaye aya Farawo.


babishiramw’ ayo mashikanwa n’ivyo bigiracumi, n’ivyo bintu vyagizwe inyegu, babikoze nk’uko bizigiwe; umukuru yabijejwe yari Konaniya Umulewi, agakurikirwa na murumuna we Shimeyi.


Kur’ uyo musi batoranya abantu bo kuzezwa ivyumba vy’ ububīko vyo kubīkamw’ amashikanwa azunguzwa, n’ay’ umushuzo, n’ay’ ibigiracumi, kugira ngo bayashingure muri vyo, abe imituri y’abaherezi n’Abalewi, nk’ uko vyashinzwe mu vyagezwe, ukw imirima yo mu bisagara yangana, kukw Abayuda banezerejwe n’ukw abaherezi n’Abalewi bari kw ibango ryabo,


Maz’ Abayuda bose baca bazana ibigiracumi vy’impeke n’ivya vino n’ivy’ amavuta ya elayo, babishingura mu bubīko.


yateguriye Tobiya nyene icumba kinini, aho bāhora babīka amashikanwa y’amafu n’imibavu, bakahabīka n’ibintu vy’imbombovu, kandi hābīkwa n’ibigiracumi vy’impeke n’ivya vino n’ivy’ amavuta ya elayo, ari vyo ivyagezwe vyashinze ko bihabga Abalewi n’abaririmvyi n’abashibamyi, hamwe n’amashikanwa azunguzwa yahabga abaherezi.


Uwo abantu baciriyekw iteka barunduye, ntaz’ acungurwe; aze yicwe ata kabuza.


Maz’ umuntu ni yagomba gucungura ikigiracumi ciwe mur’ ivyo, ico agicunguje akigerekekw ikingana n’ikigiragatanu caco.


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, mutanga ikigiracumi c’imbgija na anisi na kumino, ariko mwaretse ibihambaye vyo mu mabgirizwa, guca izibereye, n’imbabazi, n’ukwizera; arikw ivyo mwari mukwiye kubikora, vya bindi na vyo ntimubireke.


Ariko muzobona ibara, Bafarisayo, kuko mutanga ikigiracumi c’imbgija n’isogi n’imboga zose, ariko guca izibereye no gukunda Imana mukavyirengagiza. Ivyo mwari mukwiye kubikora, vya bindi na vyo ntimubireke.


Mu misi ndwi yose nisonzesha kabiri, ntanga ikigiracumi c’ivyo ndonka vyose.


Az’ agire umugabane ungana n’uw’ abandi ku vyo kurya, ukūye ivyo yaguze itongo yarazwe na se.


Ni mwamara gukūra ikigiracumi ku vyo mwejeje vyose mu mwaka ugira gatatu, ari wo mwaka wo gutangamw’ ibigiracumi nyene, muze mubihe Abalewi n’inyambukīra n’impfuvyi n’abapfakazi, babirīre i wanyu, bahāge;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ