Iyi abe ari yo ncungu batanga, umuntu wese ukw arēngāna ashirwa mu gitigiri c’abaharūwe, atange ikigabane ca shekeli yagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra: shekeli imwe irimwo gera mirongwibiri; ikigabane ca shekeli kize kibe ari co banshikanira.
Amazahabu yose yakoreshejwe mu gucura ivy’ iryo hema vyose, ari yo mazahabu y’amashikanwa, yanganya kuriba n’ italanto mirongwibiri n’icenda na shekeli amajana ndwi na mirongwitatu, yagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra.
Kandi ku vy’incungu zo kubacungura, uze wāke incungu uzocira uhereye ku bamaze ukwezi kumwe bavutse, iz’ ibe shekeli zitanu zagezwe ku y’Ahēra; kandi shekeli ni co kimwe na gera mirongwibiri.