Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 27:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Umuhungu cank’ umugabo, uhereye k’ūmaze imyaka mirongwibiri gushitsa k’ūshikanye mirongwitandatu, uzoba ukwiye kumucira shekeli z’ifeza mirongwitanu, zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 27:3
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye Yowasi abarira abaherezi, at’ Amahera yose azanwa mu ngoro y’Uhoraho, atanzwe mu buryo bg’inyegu, ari yo mahera y’ incungu z’abaharūwe, n’ayo umuntu wese aciriwe, n’ayo umuntu wese azokwiyumvira mu mutima wiwe kuzana mu ngoro y’Uhoraho;


Iyi abe ari yo ncungu batanga, umuntu wese ukw arēngāna ashirwa mu gitigiri c’abaharūwe, atange ikigabane ca shekeli yagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra: shekeli imwe irimwo gera mirongwibiri; ikigabane ca shekeli kize kibe ari co banshikanira.


Amazahabu yose yakoreshejwe mu gucura ivy’ iryo hema vyose, ari yo mazahabu y’amashikanwa, yanganya kuriba n’ italanto mirongwibiri n’icenda na shekeli amajana ndwi na mirongwitatu, yagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra.


Umuntu ni yarobanura inzu yiwe, akayimpa ngw ibe iyera, umuherezi az’ ayicire igiciro imaze, gihwanye n’ukw ari nziza cank’ ari mbi; igiciro uwo muherezi azoyicira, kize kigume uko.


Kand’ igiciro cose uzohora ucira, kize kibe shekeli zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra: shekeli imwe ikwiye kubamw’ ingero yitwa gera mirongwibiri.


Ni yaba umukobga cank’ umugore, uzoba ukwiye kumucira shekeli mirongwitatu.


ati Ni hagira umuntu ampomvya ku bintu vyera ngerewe, agakora icaha kitar’ ic’ ibigirankana; az’ anzanire ikimazi ciwe c’impongano c’impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira, ca shekeli z’ifeza zagezwe kuri shekeli ir’ ahēra, ibe ikimazi c’impongano.


Anzanire ico kimazi ciwe c’impongano c’impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira gikwiranye n’ikimazi c’impongano; agishire umuherezi.


Kandi ku vy’incungu zo kubacungura, uze wāke incungu uzocira uhereye ku bamaze ukwezi kumwe bavutse, iz’ ibe shekeli zitanu zagezwe ku y’Ahēra; kandi shekeli ni co kimwe na gera mirongwibiri.


uz’ ubāke shekeli zitanu kw incungu, umuntu umwe‐umwe ku mutwe wiwe; shekeli uzokwāka zize zibe izigezwe kuri shekeli ir’ Ahēra: shekeli imwe irimwo gera mirongwibiri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ