26 Arikw ic’ uburiza co mu bitunzwe, ntihaze hagire umuntu akirobanura ngw agitange, kuko na kare ivy’ uburiza vyari bisanzwe ar’ ivyanje; ar’ inka cank’ intama, n’iyanje.
Nuko bahenga buhwibiriye barīkora ngo baje ah’ Abasiriya bashagaje; ariko bashitse ah’ insago zabo zitangurira, basanga ata muntu akiharangwa;
kandi tuzozana abahungu bacu b’imfura n’ uburiza bg’ivyo dutunze, ubg’ inka zacu n’ubg’ intama zacu, tubizane mu ngoro y’Imana yacu nk’uko vyanditswe mu vyagezwe, tubishikirize abaherezi bakora mu ngoro y’Imana yacu.
ati Mundobanurire imfura zose n’ivy’ uburiza: ic’ ubuzibūra cose co mu Bisirayeli n’icanje, ari mu bantu, ari mu bitunzwe.
Abe ari ko muzokora no ku nka zanyu no ku ntama zanyu: iy’ uburiza iz’ imarane na nyina imisi ndwi, ku musi ugira umunani muze muyimpe.
Na ho ni caba ico mu bitunzwe bizira, uwo muntu az’ agicungure nk’uko waciriye, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco; ariko ni kitacungurwa, kize kigurwe nk’uko waciriye.
Arik’ uburiza bg’ inka canke bg’intama canke bg’ impene, ntuze wāke incungu zabgo: izo zizoba izera; uz’ umije amaraso yazo ku gicaniro, wose ibinure vyazo kuba ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, bimbere umubabge ummotera neza, jewe Uhoraho.
Kukw abana bose b’imfura ar’ abanje: ku musi nicirakw abana bose b’imfura bo mu gihugu ca Egiputa, ni ho nirobanuriye imfura zose zo mu Bisirayeli nkazēza, iz’ abantu bo n’uburiza bg’ibitunzwe: bizoba ivyanje; nd’ Uhoraho.
Muze murobanurire Uhoraho Imana yanyu uburiza bgose bg’icitwa ishuri buvuka mu masho yanyu no mu mikuku yanyu: ntimuze mugire igikorwa na kimwe mukoresha ic’ uburiza bgo mu masho yanyu, canke ngo mukēmūre ic’ uburiza bgo mu mikuku yanyu.