Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 27:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Kand’ igiciro cose uzohora ucira, kize kibe shekeli zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra: shekeli imwe ikwiye kubamw’ ingero yitwa gera mirongwibiri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 27:25
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Iyi abe ari yo ncungu batanga, umuntu wese ukw arēngāna ashirwa mu gitigiri c’abaharūwe, atange ikigabane ca shekeli yagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra: shekeli imwe irimwo gera mirongwibiri; ikigabane ca shekeli kize kibe ari co banshikanira.


Kandi ku vy’incungu zo kubacungura, uze wāke incungu uzocira uhereye ku bamaze ukwezi kumwe bavutse, iz’ ibe shekeli zitanu zagezwe ku y’Ahēra; kandi shekeli ni co kimwe na gera mirongwibiri.


uz’ ubāke shekeli zitanu kw incungu, umuntu umwe‐umwe ku mutwe wiwe; shekeli uzokwāka zize zibe izigezwe kuri shekeli ir’ Ahēra: shekeli imwe irimwo gera mirongwibiri.


Shekeli ikābe gera mirongwibiri; shekeli zitanu zibe zitanu nyene, na shekeli cumi zibe icumi nyene; shekeli mirongwitanu na zo zikābe mina.


Umuhungu cank’ umugabo, uhereye k’ūmaze imyaka mirongwibiri gushitsa k’ūshikanye mirongwitandatu, uzoba ukwiye kumucira shekeli z’ifeza mirongwitanu, zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra.


Amazahabu yose yakoreshejwe mu gucura ivy’ iryo hema vyose, ari yo mazahabu y’amashikanwa, yanganya kuriba n’ italanto mirongwibiri n’icenda na shekeli amajana ndwi na mirongwitatu, yagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra.


Maze mu mwaka wa yubile, iyo ndimiro iz’ isubizwe uwayiguzweko, nyen’ ishamvu iryo tongo ririmwo.


Ishikanwa ryiwe n’isahani imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli ijana na mirongwitatu, n’ibakure imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli mirongwirindwi zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; vyompi vyari vyuzuye ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, kw ishikanwa ry’ifu;


ati Ni hagira umuntu ampomvya ku bintu vyera ngerewe, agakora icaha kitar’ ic’ ibigirankana; az’ anzanire ikimazi ciwe c’impongano c’impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira, ca shekeli z’ifeza zagezwe kuri shekeli ir’ ahēra, ibe ikimazi c’impongano.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ