Baze barye kw ishikanwa ry’amafu, no ku kimazi gitangirwa ivyaha, no ku kimazi c’impongano; kand’ ikintu cose kirobanurirwa Imana mu Bisirayeli kize kibe icabo.
Ariko n’atashobora kuricungura ubgiwe, iryo ryaguzwe rigumane uwariguze gushitsa ku mwaka wa yubile; maze rizokomōrwa n’uwo mwaka wa yubile, abone ukw asubira gushikīra itongo ryiwe.
Arikw inzu zo mu mihana idakikijwe n’uruzitiro rw’ amabuye, zize zibe kimwe n’ amatongo yo mu misozi, biremerwa ko zicungurwa: zizokomōrwa n’umwaka wa yubile.
Ati Kand’ igisagara n’ibiri muri co vyose bicitse inyegu y’Uhoraho; mugabo Rahabu, umwe maraya, abe ari we arokoka, bo n’abari mu nzu yiwe bose, kuko yanyegeje za ntumwa twatuma.