20 Na ho n’atāgomba kuyicungura, arikw akayigurira uwundi, nta kundi kuzoyicungura hanyuma:
Arik’ uwarobanuye iyo ndimiro, ni yagomba kuyicungurira, agerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu cayo, nk’uko wayiciriye, ibone kuba iyiwe bgite.
arikw iyo ndimiro ni yakomōrwa n’umwaka wa yubile, izoba icitse iyera yanje, nk’iyatanzwe kuba inyegu yanje; izokwegukira umuherezi.
Maze mu mwaka wa yubile, iyo ndimiro iz’ isubizwe uwayiguzweko, nyen’ ishamvu iryo tongo ririmwo.