7 Muzokinagiza abansi banyu, bahindikiranywe n’inkota imbere yanyu.
Maz’ Abamoni babonye Abasiriya bahunze, na bo bahunga Abishayi murumuna we, bīsuka mu gisagara. Nuko Yowabu asubira i Yerusalemu.
Kand’ abandi Bayuda bāri mu bihugu umwami aganza birema inteko, barirwanira, bica mu babisha ibihumbi mirongwirindwi na bitanu; baraheza baruhuka abansi babo. Ariko ntibākojeje ukuboko kwabo kw isahu.
Abansi b’Uhoraho bakamwunamira bamuhema: Ariko ba bandi bakaramba ibihe vyose.
Amasigarira yo muri mwebge nzotuma barandukira imitima mu gihugu c’abansi babo: bazokangwa n’ ukwumva akababi gakakaje, bahunge nk’ūhunga inkota; bazotemba ata kibirukanye.
Kandi nzoha ico gihugu kugira impore, muzokwiryamira ata kibateye akōba: kandi nzohaherengeteza ibikōko vy’inkazi, kandi nta nkota izogera mu gihugu canyu.
Batanu muri mwebge bazokinagiza ijana, n’ijana muri mwebge bazokinagiza ibihumbi cumi, abansi banyu bazohindikiranywa n’ inkota imbere yanyu.
Uhoraho azotuma abansi banyu babakūriye hasi batsindirwa imbere yanyu: bazozanana inzira imwe babateye, babahunge baciye mu nzira ndwi.
Umwe yoshoboye ate gukinagiza igihumbi, Na babiri kwirukana ibihumbi cumi, Iyo ca Gitandara cabo atabagura, Iy’ Uhoraho atabagabura?
arik’ umwe muri mwebge akinagiza abantu igihumbi, kuk’ Uhoraho Imana yanyu ari we abarwanira, nk’uko yababgiye.
Abona urwāsaya rw’indogoba rutarūma, atuma ukuboko araruraha, arwicisha abantu igihumbi.
Ariko Baraki yōma inyuma y’iyo mikogote n’izo ngabo, barinda bashika i Harosheti‐ha‐goyimu; ingabo za Sisera zose zishirira ku nkota, ntihasigara n’uwa kirazira.
Batabaza Abisirayeli bo mu Banafutali n’abo mu Basheri n’abo mu Bamanase bose, bōma inyuma y’Abamidiyani.
Nuko Yonatani aharāmba yāvūra, n’ūmutwaje ibirwanishwa ar’ inyuma yiwe. Ba Bafilisitiya Yonatani arabahindikiranya, bagwa imbere yiwe, n’ūmutwaje ibirwanishwa agenda arabahohosha inyuma yiwe.