Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 26:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kandi nzoha ico gihugu kugira impore, muzokwiryamira ata kibateye akōba: kandi nzohaherengeteza ibikōko vy’inkazi, kandi nta nkota izogera mu gihugu canyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 26:6
43 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arakebuka; ababonye abavuma mw izina ry’Uhoraho. Nuko haca haza ibikōko bibiri vy’idubu z’ingore zivuye mw ishamba, zitabagura abahungu mirongwine na babiri bo muri bo.


Riti Rāba uzovyara umwana w’umuhungu, azoba umunyamahoro, riti Kandi nzomuha kuba impore hagati y’abansi biwe bose bamukikije; kukw izina ryiwe azokwitwa Salomo; riti Kandi nzoha Ubgisirayeli amahoro n’umutēkāno ku ngoma yiwe.


Nukw igihugu ca Yehoshafati kigira impore, kukw Imana yiwe yar’ imuhaye umutēkāno impande zose.


Kand’ uzokwiryamira, ntihagire ūgutera ubgoba; Mbere benshi bazogusaba ng’ ubatonere.


Kuk’ uzosezerana isezerano n’ amabuye yo mu gasozi; Kand’ ibikōko vyo mu gasozi bizokwuzura nawe.


Ngw inka zacu zidibirize; Ngo hoye kugira abamena, cank’ abasohoka kurwana; Kandi mu mihōra yacu hoye kuvuga induru.


Igihugu cawe agiha impore, Aguhāza ingano zisētse neza.


Uhoraho azoha abantu biwe inkomezi, Uhoraho azoha abantu biwe umugisha w’amahoro.


Nararyama, ngasinzira, Nkīkangura, kuk’ Uhoraho ari we ampagarikiye.


Nzokwama ndyama nsinzire ata co nicura, Kukw ari wewe wenyene, Uhoraho, umpa kuba amahoro.


Hinge numve ivyo Imana, Uhoraho, igira ivuge: Kukw izobgira abantu bayo n’abakunzi bayo ivy’ amahoro; Ariko ntibaze basubire mu bupfu.


Sinzogīrako ngo mbirukane imbere yanyu mu mwaka umwe, kugira ngw igihugu coye guhinduka amatongo, ibikōko vyo mw ishamba bikagwira bikabatera.


Ni waryama ntuzogira ubgoba, Mber’ uzoryama, ugire itiro riryoshe.


Bizokuja imbere ugenda, Bizoguteramira usinziriye, Bizoyāga nawe wikanguye.


Kandi hazobay’ inzira y’iroro, iyo nzira izokwitwa Inzira Yera. Abanduye imitima ntibazoyicamwo, arikw izoba iy’ abantu biwe. Abayicamwo, naho hobamw’ ibijuju, ntibazozimira.


Nta ntambge izohaba, nta gikōko na kimwe c’inkazi kizoyigeramwo, ntibizoyibonekamwo: arikw abācunguwe ni bo bazoyicamwo.


Ni jewe nkomoko y’umuco, nd’ umuremyi w’umwiza; nd’ isōko y’impore, nd’umuremyi w’ivyago: ni jewe Uhoraho nkora ivyo vyose.


Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.


None rero ntutinye, ewe Yakobo musavyi wanje, ni k’Uhoraho agize; nturanduke umutima, ewe Isirayeli: kuko rāba nzogukiza ngukūre kure, uruvyaro rwawe ndarukūre mu gihugu rwajanywemwo ar’ inyagano; Yakobo azogaruka, kand’ azoba amahoro ata nkomanzi, kandi nta wuzomutera ubgoba.


Bishitse aho ndikangura, nsanga itiro ryari rindyoheye.


Kandi ni natērēra igihugu ibikōko vy’inkazi, bikagisivya kigahinduka amatongo, ntihabe hakigira umuntu agicamwo kubg’ ivyo bikōko,


Cank’ ico gihugu ni nagitērēra inkota, nkavuga, nti Wa nkota we, genda unyuragire mu gihugu, kugira ngo nkiranduremw’ abantu n’ibitungano,


Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Mbega ntibizorushiriza kuba birtyo kuri Yerusalemu, igihe nzoharekurira ivyo bihano bihambaye ukw ari bine, ni vyo nkota n’inzara n’ibikōko vy’inkazi n’ ikīza, kugira ngo ndaharandure abantu n’ibitungano?


Kandi nzosezerana na zo isezerano ry’amahoro, kandi nzoherengeteza ibikōko vy’inkazi mu gihugu: maze zizokwibera amahoro mu gahinga, zīryamire mu mashamba.


Maz’ igiti co mw ishamba kizokwama, isi yimbuke ivyimburo vyayo; na zo zizokwibera amahoro mu gihugu cazo; kandi zizomenya yuko jewe nd’Uhoraho, igihe nzoba mmaze kuvuna ibiti vy’ingōgo zambitswe, no kuzirokora mu maboko y’abāzihinduye abaja.


kandi nzobatēza kigoyi n’ibikōko vy’inkazi, bikugire nyakamara; ikīza n’ibitenga vy’amaraso bizoca muri wewe, kandi nzogutērēra inkota: ni jewe Uhoraho mbivuze.


Maze kur’ uwo musi nzosezerana isezerano n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibisīga vyo mu kirēre, n’ivyikwega hasi, kubganyu: kandi nzoca umuheto n’inkota n’intambara bibavire mu gihugu, ntume baryama amahoro.


Ni koko nzokwikwerera mu kuba umwizigirwa: nawe uzommenya jewe Uhoraho.


Ni co gituma mukwiye kwumvira amabgirizwa yanje, no kwitondera ivyagezwe vyanje, mukavyumvira; ni ho muzoba mu gihugu amahoro.


Kand’ ico gihugu kizokwimbuka, muzokwama mu gahimbo, mube muri co amahoro.


Kandi nzobatērēra ibikōko vyo mw ishamba, bitware abana banyu, biyigize amasho yanyu n’imikuku yanyu, bibatūvye, inzira zanyu zisibe.


Kandi nzobatērēra inkota, ibahōre kuva mw isezerano ryanje; na ho ni mwirundaniriza mu bisagara vyanyu, nzobatērēra ikīza; kandi muzotangwa mu maboko y’abansi.


Muzokinagiza abansi banyu, bahindikiranywe n’inkota imbere yanyu.


Arik’ umuntu wese azokwībēra musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe; kandi nta wuzobakanga: kukw akanwa k’Uhoraho Nyen’ ingabo ari ko kabivuze.


Amasigarira y’Abisirayeli ntibazokora ivyo kugabitanya, canke ngo bavuge ibinyoma, kandi nta rurimi rw’ubugunge ruzoboneka mu kanwa kabo: bazorisha bagaramange, ata wubateye ubgoba.


Ubgiza bgo hanyuma buzoba kur’ iyi ngoro buzorusha ubga mbere, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kand’ aha hantu nzohaha amahoro, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Muri Efurayimu nzohaca imikogote, n’i Yerusalemu nzohaca amafarasi, kand’ imiheto y’intambara izocibga. Uyo azobgira amahanga ivy’ amahoro, kand’ ubgami bgiwe buzohēra ku kiyaga bushike ku kindi, buhēre no kuri rwa Ruzi bushike ku mpera y’isi.


Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye. Jeho simbagabira nk’ukw ab’ isi bagaba. Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye.


Ku musi Herode bgāca amubashikiriza, mur’ iryo joro Petero yar’ asinziriye hagati y’abasoda babiri, aboheshejwe iminyororo ibiri, abateramyi bāri ku rugi barinda inzu y’ibohero.


None rero, ko twatsindanishirijwe no kwizera, dufise amahoro ku Mana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ