5 Igihe canyu c’isekura kizorinda gishitsa mw iyimbura ry’inzabibu, iryo yimbura na ryo ririnde rishitsa mw ibiba: muzokwama mu gahimbo, mwībēre mu gihugu canyu ata nkomanzi.
Ngw ibigega vyacu vyuzure, birimw’ ivyimburwa vy’ imyuga yose; Intama zacu zivyarire ibihumbi n’ibihumbi mu vyanya vyacu;
Mwami, wamye ur’ uburuhukiro bgacu, Uhereye ibihe vyose.
Mose arababgira, at’ Ivyo murabibona igihe Uhoraho aja kubaha inyama zo kurya kur’ uyu mugoroba, mu gitondo akazobaha umutsima, mukarya mugahāga; kuk’ Uhoraho yumvise imyidodombo yanyu mumwidodombera; natwe twar’ iki? erega si twebge mwidodombera, mwidodombera Uhoraho.
Arik’ ūntega ugutwi wese azoba amahoro, Azokwama atekereje ata kibi atinya.
Izina ry’Uhoraho n’umunara ukomeye: Umugororotsi awirukiramwo, akaba amahoro.
Ni mwemera mukumvira, muzorya ivyiza vyo mu gihugu.
Kand’ azorekurira imvura imbuto muzobiba mu ndimiro, kand’ imihure ivuye mu ndimiro izoba inovereye yo gutunga amagara: ico gihe imikuku yanyu izorisha ivyanya binini.
Mu gihe ciwe Abayuda bazokizwa, Abisirayeli bibere amahoro: kand’ iri ni ryo zina azokwitwa, ng’ Uhoraho ni we kugororoka kwacu.
Maze kur’ uwo musi nzosezerana isezerano n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibisīga vyo mu kirēre, n’ivyikwega hasi, kubganyu: kandi nzoca umuheto n’inkota n’intambara bibavire mu gihugu, ntume baryama amahoro.
Ni koko nzokwikwerera mu kuba umwizigirwa: nawe uzommenya jewe Uhoraho.
Uhoraho yishura abantu biwe, at’ Ehe ngira mbarungikire amasaka na vino n’amavuta ya elayo, maze muzota akabi: kandi sinzosubira kubahindura agatukisha mu mahanga.
Namwe bikōko vyo mw ishamba, nta co mutinya; kuk’ ubgatsi bgo mu bgeranyange bgongeye kumera, n’ibiti bisubiye kwama, n’imisukoni bo n’imizabibu bitengengeye.
Kandi muzorya, mute akabi, muhimbaze izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yanyu, nabakoreye ibitangaza: kand’ abantu banje ntibazokwongera kumāramāra.
Eh’ imisi izoza, ni k’Uhoraho agize, umurimyi azogerekerana n’umwimbuzi, n’umukānyi w’inzabibu agerekerane n’ūbiba imbuto; kand’ imisozi izojējēta vino ziryoshe, n’uturambi twose tuzisendanishe.
Ewe Yerusalemu! Ewe Yerusalemu! Wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda!
Ariko ntiyabirekeye ngaho, itagira ico kuyishingira intahe, kuko yama ibagirira neza, ibaha imvura iva mw ijuru, n’ibihe vy’ivyimburo vyiza, ibahāza ivyo kurya, yuzuza imitima yanyu umunezero.
N’amasho yanyu azoyamereza ubgatsi mu matongo yanyu, kandi muzokwama mu gahimbo.
Wihanize abatunzi bo mu vy’ iki gihe, boye kwibona, canke kwishimira ubutunzi butar’ ubgo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe;
mwebge abazigamwa n’ubushobozi bg’Imana kubg’ ukwizera, muzigamirwa agakiza kāteguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo.