Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 26:40 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Ariko ni bātura ibigabitanyo vyabo n’ibigabitanyo vya ba sekuruza, ari vyo bihemu vyabo, bakemera yuko kunyuranya nanje kwabo

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 26:40
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

maze bakīsubiramwo bari mu gihugu bajanywemw’ ar’ inyagano, bagahindukira, bakagutakambira bari mu gihugu c’ababafashe mpiri, bati Twaracumuye, twaragabitanije, twakoze nabi;


bakakugarukako n’imitima yabo yose n’ivyiyumviro vyabo vyose, bari mu gihugu c’abansi babo babafashe mpiri, bakagusenga batumbereye igihugu cabo, ico wahaye ba sekuruza, n’uyu murwa watoranije, n’iyi ngoro nubakiye izina ryawe;


None ni mwaturire Uhoraho Imana ya ba sogokuruza ivyo, mukore ivy’ igomba, mwitandukanye n’amahanga yo mu bihugu n’abagore b’abanyamahangakazi.


Uhoraho Mana y’Abisirayeli, ni wewe ugororoka; kuko twebge dusigaye tur’ amasigarira, nk’uko bimeze uyu musi; rāba tur’ imbere yawe dutsinzwe n’urubanza; ivyo ni vyo bituma tudashobora guhagarara imbere yawe.


ndavuga, nt’ Ewe Mana yanje, isoni ziriko zirammwa, mu maso hanje hāhīndānye, bimbuza kukwunamurirakw amaso, Mana yanje, kukw ibigabitanyo vyacu bigwiriye, bikaba umurengera, ivyo twakoze biradutsinze, vyarundanye bigera mw ijuru.


Nakwemereye icaha canje, sinatwikiriye ukugabitanya kwanje; Naravuze, nti Ndāturira Uhoraho ibicumuro vyanje: Nawe umparira ukugabitanya kw’icaha canje. Sela.


Ūpfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha, Arik’ ūvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe.


Ewe Uhoraho, twemeye ibibi vyacu, n’ibigabitanyo vya ba sogokuruza, kuko twagucumuyeko.


Uhoraho we, ni witegereze, kuko ndi mu magorwa; amara yanje aradobangana; Umutima wanje urandida mu nda; kuko nagararije birengereje: Hanze inkota iraririka, no mu nzu na ho har’ urupfu.


Nuko bazobamara umwikomo, ni mwabona ingeso zabo n’ibikorwa vyabo; ni ho muzomenya yukw ivyo nahakoreye vyose ntabitewe n’ubusa, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Ni ho muzokwibukira ingeso zanyu mbi, n’ibikorwa vyanyu bitari vyiza; kandi muzokwiyanka urunuka, kubg’ ibigabitanyo vyanyu n’ibizira mwakoze.


Nzogenda nisubirire i wanje, kugeza aho bazokwemerera igicumuro cabo, bakarondera mu nyonga hanje: babonye ivyago bazoca bandonderana umwete.


Kandi ni mwashishikara kugenda munyuranya nanje, ntimunyumvire, nanje nzokwongera kubateza ivyago ibihetangabo ndwi bihwanye n’ivyaha vyanyu.


nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe, nzobakubita ibihetangabo ndwi jewe ubganje, mbahōra ivyaha vyanyu.


Nuk’ umuntu ni yaramuka atsinzwe na kimwe mur’ ivyo bidōnzwe, aze yature icaha yakoze,


aze yature icaha yakoze, arihe n’ico kintu uko kingana, camukwegeye gutsindwa, kand’ akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, akirihe uwo yagiriye nabi.


Nuko bashikiriye Abareyubeni n’Abagadi n’igihimba c’umuryango w’Abamanase, mu gihugu c’i Gileyadi, barababgira,


Maze Yosuwa abarira Akani, ati Mwana wanje, enda ni wubahe Uhoraho Imana y’Abisirayeli, uyishire hejuru; mbarira ico wakoze, ntumpishe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ