maze bakīsubiramwo bari mu gihugu bajanywemw’ ar’ inyagano, bagahindukira, bakagutakambira bari mu gihugu c’ababafashe mpiri, bati Twaracumuye, twaragabitanije, twakoze nabi;
Uhoraho we, ni witegereze, kuko ndi mu magorwa; amara yanje aradobangana; Umutima wanje urandida mu nda; kuko nagararije birengereje: Hanze inkota iraririka, no mu nzu na ho har’ urupfu.