Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 26:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Nzotuma igihugu canyu gitamārirwa, bijoreze abansi banyu bakibamwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 26:32
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kand’ iyi ngoro nah’ ar’ agahambaye irtya, ūzoyica i ruhande wese azokwumirwa, avuze agahwa, at’ Ariko n’iki catumye Uhoraho agirira artya iki gihugu n’iyi ngoro?


Rāba Uhoraho agira ngw ahindure isi umusaka, ayigire amatongo, ayūbike, asanzaze abayibamwo.


kandi ndaruririke; ntiruzotuturirwa, ntiruzorimirirwa, ariko ruzomeramw’ imikere n’amahwa; kandi nzobuza ibicu vyoye kurugwishakw imvura.


Uhoraho Nyen’ ingabo yavugiye mu matwi yanje, ati N’ukuri ingo nyinshi zizoba imisaka, mbere na nini‐nini nziza zizosigara ata wukizibamwo.


Ndamubaza, nti Mwami, n’ugushitsa ryari? Aranyishura, ati N’ugushitsa ah’ ibisagara bizobera imisaka, ata wukibibamwo, n’amazu ata wukiyabamwo, n’igihugu kigahinduka amatongo masa,


Ibisagara vyawe vyera vyacitse ubugaragwa, i Siyoni hacitse ubugaragwa, i Yerusalemu hacitse amatongo.


Bāhagize amatongo; haramborogera, kuko habaye ibitongozi; igihugu cose n’amatongo, kukw ata wigeze kubishirak’ umutima.


bituma bahindura igihugu cabo akajoreza, n’ico kuvuzwakw agahwa ubudasība; umuntu wese azohaca azojorerwa, azunguze umutwe.


Nzohindura iki gisagara akajoreza, n’ico kuvuzwakw agahwa; umuntu wese azohaca azojorerwa, avuze agahwa kubg’ ivyago vyaho vyose.


Kand’ iki gihugu cose kizoba amatongo n’akajoreza; kand’ ayo mahanga azokorera umwami w’i Babuloni imyaka mirongwirindwi.


ni yo aya: Yerusalemu n’ibisagara vy’i Buyuda n’abami baho n’abaganwa baho, ngo hacike imisaka n’akajoreza n’aho kuvuzwakw agahwa n’ikivume, nk’uko nyene bimeze uyu musi;


Yahevye ahiwe nk’ukw intambge iheba ikibundo cayo; kukw igihugu cabo gihindutse akajoreza kubg’ ubukare bg’inkota itwaza igitugu, no kubg’ uburake bgiwe bg’inkazi.


Uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, nt’ Aha hantu aho muririra, ngo Harakomvomvowe, ata muntu agisigayeho cank’ igitungwa, ngo No mu bisagara vy’i Buyuda n’ uko, no mu miharuro y’i Yerusalemu, ngo Hasigaye ar’ imisaka, ata n’umuntu ata n’ūkihaba ata n’igitungwa;


rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Mwabonye ivyago vyose nateje i Yerusalemu, n’ibisagara vyose vy’i Buyuda; kandi none rāba, uyu musi hasigaye ar’ imisaka, ata muntu akihaba;


Bigatuma Uhoraho atagishobora kuvyihanganira, kubg’ ibibi vy’ibikorwa vyanyu, no kubg’ ibizira vy’ ubuyobe mwakoze; ivyo ni vyo vyatumye igihugu canyu gihinduka imisaka n’akajoreza n’ikivume, ata wukikibamwo, nk’uko bimeze n’ uyu musi.


Kand’ i Yerusalemu nzohahindura ibirundo vy’amasakamburira, n’i wabo w’imbgebge; kandi n’ibisagara vy’i Buyuda nzobihindura amatongo, ata wukihaba.


Abami bo mw isi, bo n’ababa kw isi bose, nta ho bokwemeye Kw abarwanizi n’abansi bofyutse mu marembo y’i Yerusalemu.


Bitewe n’uk’ umusozi Siyoni ucitse amatongo: Imbgebge zisigaye zihatambatamba.


Maz’ uzoba igitutsi n’agatwengo n’akabarore n’akajoreza mu mahanga agukikije, ni nagucirakw iteka mfise uburake n’ubushangashirwe, nguhambariranye ishavu: ni jewe Uhoraho mbivuze;


Ewe Mana yanje, banga ugutwi kwawe wumve, ni wihwezeshe inyonga zawe witegereze ubugesera bgaduteye, n’umurwa witirirwa izina ryawe, kukw ivyo tugutakambiye, tutabigushize imbere twishingikirije ku bugororotsi bgacu, ariko ni kubg’ imbabazi zawe nyinshi.


mur’ uwo mwaka wa mbere ari ku ngoma, jewe Daniyeli namenyeshejwe n’ibitabo igitigiri c’imyaka Yerusalemu hazomara ar’ imisaka, kw ar’ imyaka mirongwirindwi, ari yo nyene ijambo ry’Uhoraho ryavuze, arivugishije Yeremiya.


Nah’ umusukoni utoshurika, Canke n’imizabibu ngw igire ico yama, N’icimburo c’imyelayo kikabura, N’imirima ntiyere indya na mba, N’umukuku ugahenebera mu ruhongore, Ntihabe hakigira n’inka mu rugo:


Ariko ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero, muze mumenye yuk’ ubuyobe bgaho bugira bushike.


Kandi mur’ ayo mahanga yose ah’ Uhoraho azoba yarabajanye, muzohahindukira akajoreza n’iciro ry’imigani n’agashinyaguro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ