Uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, nt’ Aha hantu aho muririra, ngo Harakomvomvowe, ata muntu agisigayeho cank’ igitungwa, ngo No mu bisagara vy’i Buyuda n’ uko, no mu miharuro y’i Yerusalemu, ngo Hasigaye ar’ imisaka, ata n’umuntu ata n’ūkihaba ata n’igitungwa;
rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Mwabonye ivyago vyose nateje i Yerusalemu, n’ibisagara vyose vy’i Buyuda; kandi none rāba, uyu musi hasigaye ar’ imisaka, ata muntu akihaba;
mur’ uwo mwaka wa mbere ari ku ngoma, jewe Daniyeli namenyeshejwe n’ibitabo igitigiri c’imyaka Yerusalemu hazomara ar’ imisaka, kw ar’ imyaka mirongwirindwi, ari yo nyene ijambo ry’Uhoraho ryavuze, arivugishije Yeremiya.