Abalewi 26:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)30 Kandi nzokomvomvora ibitabo vyanyu vyo ku mpinga z’imisozi, nsiture ibishushanyo vyanyu vy’izuba, nshiburire imivyimba yanyu ku mirambararo y’ibigirwamana vyanyu; kandi nzobazinukwa mu mutima wanje. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Avuga n’ ijwi rirenga, avugishijwe n’ijambo ry’Uhoraho, abarira ico gicaniro, at’ Ewe wa gicaniro, ewe wa gicaniro! Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Mu nzu ya Dawidi hazovuka umwana yitwa Yosiya; ngo Kand’ abaherezi bo mu bitabo vyo ku mpinga z’imisozi bahora bosereza imibavu kuri wewe, ng’ Uyo azobatanga bga bimazi kuri wewe nyene, ngo Kandi kuri wewe ni ho bazoturirira amagufa y’ abantu.
Akūra abaherezi bose mu bisagara vy’i Buyuda, ahumanya ibitabo ah’ abo baherezi bāhora bosereza imibavu, uhereye i Geba ugashitsa i Berisheba, asitagura ibiti vyo mu bitabo vyatabge ku marembo, vyari mw ishikiro ry’irembo rya Yosuwa umubgiriza w’igisagara, ahahera i bumoso bg’umuntu iy’ aca mw irembo aja mu gisagara.
Nukw ivyo vyose bishize, Abisirayeli bose bāri bakoraniye aho, baca baja mu bisagara vy’i Buyuda, bamenagura amabuye bāshinze, batemagura inkingi bāshingiye Ashera, basibanganya ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi, basangangura n’ibicaniro vy’i Buyuda n’i Bubenyamini, bo n’i Bgefurayimu no mu bg’Abamanase, gushitsa aho babiherengetereje vyose. Abisirayeli bose barahindukira, basubira mu bisagara vyabo, umuntu wese mw ishamvu yiwe.
Arambgira, ati Mwana w’umuntu, aha hantu n’ah’ intebe yanje y’ubgami, n’ ahantu ibirenge vyanje bizohora bishinze, ni ho nzobana n’Abisirayeli ndi hagati muri bo gushitsa ibihe bidashira: kand’ ab’ inzu ya Isirayeli ntibazokwongera kwanduza izina ryanje ryera ukundi, bo ubgabo, cank’ abami babo, ngo baryandurishe ubumaka bgabo, cank’ imivyimba y’abami babo iri mu ntatemwa zabo,
Maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho, igihe imihindigiti yabo izoba irambaraye hagati y’ibigirwamana vyabo impande zose z’ibicaniro vyabo, ku gasozi kose gahagaze, no ku dutwe twose tw’imisozi miremire, no musi y’igiti cose gitotahaye, no musi y’igiti cose c’umweloni gihūritse, aho bāshikanirira ibigirwamana vyabo vyose ibizana imibabge imota neza.