3 Ni mwahora mugendera mu mabgirizwa yanje, mukitondera ivyagezwe vyanje, mukavyumvira;
ut’ Ariko ni mwampindukirira, mukitondera ivyagezwe vyanje mukabishitsa, nah’ abirukanywe bo muri mwebge bazoba bar’ iy’ ijuru riherera, uti Sinobura kubakūrayo nkabēgeranya, nkabazana ha hantu nitoranirije ngw izina ryanje rihabe.
Ariko jewe Uhoraho Imana yanyu abe ari jewe musaba, nanje nzohezagira ivyo kurya vyanyu n’amazi yanyu, kandi nzokūra indwara muri mwebge.
Ni mwemera mukumvira, muzorya ivyiza vyo mu gihugu.
Kand’ azorekurira imvura imbuto muzobiba mu ndimiro, kand’ imihure ivuye mu ndimiro izoba inovereye yo gutunga amagara: ico gihe imikuku yanyu izorisha ivyanya binini.
iryo nihanikirije ba sogokuruza ku musi nabakūriye mu gihugu ca Egiputa, muri rya tanure rivugutira ivyuma, nti Ni munyumvire, mukore vyose ivyo mbagera: uko ni ko muzoba abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu;
Maze mu mwaka ugira gatanu abe ari ho mutangura kurya ku vyamye kuri vyo, kugira ngo birushirize kubāmira: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.
Kuko nzobiba amahoro; umuzabibu uzokwama inzabibu zawo, isi yimbuke ivyimburo vyayo, ikirēre kizane ikime caco; ivyo vyose nzobiha amasigarira y’ubu bgoko k’umwandu.
Muzane mu bubīko ikigiracumi gishitse, kugira ngw inzu yanje ibemw’ ivyo kurya; enda ni mubingeragereshe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, murābe ko ntazobagomororera ingomero zo mw ijuru, nkabacuncuburira umugisha, mukabura aho muwukwiza.
Maze ni mwumvira ayo matēka ashinzwe, mukayitondera, mukayashitsa, Uhoraho Imana yanyu azobashikiriza isezerano, abagirire imbabazi, nk’uko yarahiye ba sogokuruza;
Hahirwa abamesura imvune zabo, kugira ngo babone kwēgēra ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa.