Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 26:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Ni navuna inkoni mwegamiye, ari yo vyo kurya vyanyu, abagore cumi bazoderenganiriza mu ziko rimwe, botsa udutsima, bazosigara babagaburira udutsima twa mugerwa: murye ututabahāgije.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 26:26
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ i Samariya hatera inzara y’icago; bakomeza kuhugariza gushitsa ah’ abantu basigaye bagura umutwe w’indogoba shekeli z’ifeza mirongumunani, n’ikigirakane c’agakondwe k’amavyi y’inuma shekeli z’ifeza zitanu.


Ahamagara amapfa ngw atere mu gihugu; Avuna inkoni yose bishimikije, ni vyo vyo kurya vyabo.


Rāba Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, anyaze ab’ i Yerusalemu n’Abayuda icishimikizo n’inkoni begamiye, icishimikizo cose, ari co vyo kurya vyabo, n’icishimikizo cose, ari co mazi yabo;


Kukw imirima cumi y’imizabibu izoreta umubindi umwe, kand’ igisamba cagezwemw’ imbuto kizozana inkōko gusa.


Uburake bg’Uhoraho Nyen’ ingabo ni bgo butumye igihugu gitongoka: abantu na bo bakamera nk’inkwi z’umuriro; nta wugirira akagongwe mugenzi we.


Umuntu azosahurira i buryo bgiwe, ariko yame ashonje; azorya n’ivy’ i bumoso, na ho nyene ntahāge: umuntu wese azorya mugenzi we kw inyama.


Iyo bisonzesha sinzoruha numva ugutakamba kwabo; iyo bosa ikimazi, bazanye n’ishikanwa ry’ifu, sinzobākīrira: ariko nzobaranduza inkota n’inzara n’ikīza.


riti Mwana w’umuntu, igihugu ni cakora icaha kikancumurako, nanje nkagishingiriza ukuboko kwanje, nkavuna inkoni yaco cishimikije, ni yo mutsima waco, nkakirekuriramw’ inzara, nkakiranduramw’ abantu n’ibitungano,


Kand’ ivyo kurya vyawe uze wame ubirya ku rugero, ari rwo shekeli mirongwibiri mu musi mu musi: uzokwama urya rimwe ku musi.


Arongera arambarira, ati Mwana w’umuntu, ehe ngira mvune inkoni ab’ i Yerusalemu bishimikije, ari wo mutsima; kandi bazosigara barya umutsima ku rugero, bahagaritse umutima; n’amazi bazoyanywa ku rugero bihebuye:


uko ni ko bazokena ivyo kurya n’amazi, bazazanirwe iyo bava bakagera, bashire umunywera kubg’ ibigabitanyo vyabo.


kandi nkabarasa imyampi mibi ya kigoyi yo kubageseza, iyo nzorungika kubatikiza; kandi nzobagwizamw’ amapfa, mvune inkoni yanyu mwishimikije, ni wo mutsima;


Maze bazorya ntibahāge, basambane ntibagwire: kuko bampemukiye, jewe Uhoraho.


Ivyo vyose ni bitātuma munyumvira, ariko mukagenda munyuranya nanje;


Uzorya ntuhage, uhorane ikigoyi mu nda; ivyo uzonyuruza ntuzobikiza, kandi n’ivyo wokijije nzobigaburira inkota.


Mubiba vyinshi, mukimbura bike; kurya murarya, ariko ntimushira inzara; kunywa muranywa, ariko ntimushira inyota; kwambara murambara, ariko ntimushira imbeho; kand’ ūca amahera ayacira mu mupfuko utobotse.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ