Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 26:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Kandi nzobatērēra inkota, ibahōre kuva mw isezerano ryanje; na ho ni mwirundaniriza mu bisagara vyanyu, nzobatērēra ikīza; kandi muzotangwa mu maboko y’abansi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 26:25
42 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuk’ Uhoraho atērēra Abisirayeli ikīza, gihēra mu gitondo gishitsa igihe cāshinzwe; uhereye i Dani ugashika i Beri‐sheba, hapfa abagabo ibihumbi mirongwirindwi.


Kand’ abantu bawe b’Abisirayeli ni baneshwa n’abansi, bazize ko bagucumuyeko, hanyuma bakaguhindukirira, bakātura izina ryawe, bagasenga bakwingingira mur’ iyi ngoro;


Inzara ni yatera mu gihugu, cank’ ikīza, canke kurumbisha, cank’ ururyi rw’agahezambuto, cank’ inzige, cank’ inzikira, cank’ abansi babo ni babatera bakabaziguza mu gisagara cabo ic’ ari co cose; ni haramuka hateye icago ic’ ari co cose, cank’ indwara,


Bukeye Shalumaneseri umwami w’i Ashuri aradūga, aramutera; Hoseya yemera kuganzwa na we, akāma amuzanira amarari.


Kand’ izo ngabo z’Abasiriya zaje ar’ igitero gito, arik’ Uhoraho agabura ingabo nyinshi cane z’Abayuda mu maboko yabo, kuko bari bamuhevye, ari we Uhoraho Imana ya ba sekuruza. Nukw Abasiriya bashitsa kuri Yowasi itēka yaciriwe.


Uhoraho, Mana Nyen’ uguhōra, Mana Nyen’ uguhōra, kayangana.


Baramubgira, bat’ Imana y’Abaheburayo yaratwiyeretse: none turasavye, uturekure tuje mu bugaragwa, tugende urugendo rw’ imisi itatu, kugira ngo tuze dushikanire Uhoraho Imana yacu ibimazi, yoye kuzohava idutērēra ikīza cank’ inkota.


Na ho ni mwanka mukagarariza, inkota izobarya: kukw akanwa kanje Uhoraho ari ko kabivuze.


nanje nzobashirirah’ inkota, mwese muzokwunamira kwicwa: kukw igihe nahamagara mutitavye, n’igihe navuga mutumvise; ariko mugakora ivyo mbona kw ari bibi, mukitoraniriza ibitannezera.


Kandi nzohindurira ubusa aha hantu inama z’i Buyuda n’iz’ i Yerusalemu; nzobahindikiranya n’inkota imbere y’abansi babo, bicwe n’amaboko y’ababahīga: kand’ imivyimba yabo nzoyigabura ibe inyama z’ibisīga vyo mu kirēre, n’iz’ ibikōko vyo kw isi.


Kandi nzorungika inkota n’inzara n’ikīza muri bo, gushitsa aho bazoba baherengeteye mu gihugu nabahānye na ba sekuruza.


Ni mwumve ingene bahunga, bacika bava mu gihugu c’i Babuloni, ngo bamamaze i Siyoni uguhōra kw’Uhoraho Imana yacu, uguhōra yahōye urusengero rwiwe!


Mukarishe imyampi, mubangirize inkinzo: Uhoraho yagayambije imitima y’abami b’Abamedi; kukw imigabo yagīriye i Babuloni n’ukuhageseza: kukw ar’ uguhōra kw’Uhoraho, uguhōra yahōye urusengero rwiwe.


Kandi nzobasābagiriza mu mahanga batigeze kumenya canke ba sekuruza babo: kandi nzorungika inkota ndayibakurikize gushitsa mbamaze.


Umusore n’umutāma barambaraye hasi mu nzira; Abigeme banje n’imisore yanje bahindikiranijwe n’ inkota; Wabatikije ku musi w’uburake bgawe; warabariritse ata kagongwe.


Cank’ ico gihugu ni nagitērēra inkota, nkavuga, nti Wa nkota we, genda unyuragire mu gihugu, kugira ngo nkiranduremw’ abantu n’ibitungano,


Kandi nzobaharūza inkoni mugenda mutonze umurongo, mbashire mu mugozi ni ryo sezerano;


Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ehe ngira ngutērēre inkota, nkuranduremw’ abantu n’ ibitungano.


riti Mwana w’umuntu, uvugane n’ab’ ubgoko bganyu, ubabgire, uti Ni yatērēra igihugu inkota, abantu bo mu gihugu bakīrobanurira umuntu muri bo, bakamushiraho kubabera inderetsi:


kandi nzobatēza kigoyi n’ibikōko vy’inkazi, bikugire nyakamara; ikīza n’ibitenga vy’amaraso bizoca muri wewe, kandi nzogutērēra inkota: ni jewe Uhoraho mbivuze.


uti Yemwe misozi y’i Bgisirayeli, ni mwumve ijambo ry’Umwami Uhoraho: Uku ni k’Umwami Uhoraho abgira imisozi n’uturambi, imigezi n’ imyonga, at’ Ehe jewe ubganje nyene nzobatērēra inkota, nkomvomvore ibitabo vyanyu vyo ku mpinga z’imisozi.


Inkota izogwa ku bisagara vyabo, izohimbagura imyugariro yabo, iyiherengeteze, bazize imigabo yabo.


Kandi nzoha ico gihugu kugira impore, muzokwiryamira ata kibateye akōba: kandi nzohaherengeteza ibikōko vy’inkazi, kandi nta nkota izogera mu gihugu canyu.


Nabateje ikīza nk’icateye muri Egiputa: imisore yanyu nayicishije inkota, nnyaga amafarasi yanyu; natumye umunuko ur’ aho mushagaje ubinjira mu mazuru: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’ Uhoraho agize.


Ikīza camugendera imbere, Na Kizimire akamuja inyuma.


Hinge mbarekuriremw’ ikīza, ndabarandure, nawe ndaguhindure ihanga rizobarusha ubginshi n’inkomezi.


Abishwe n’ ikīza bār’ abantu ibihumbi cumi na bine n’amajana ndwi, udashizemw’ abicishijwe n’ivya Kora.


Nuko Mose abarira abantu, ati Ni musobanure abantu muri mwebge bo kuja mu ntambara, mubahe ibirwanishwa, baje gutera Abamidiyani, kubgo kwīhōra kw’ Uhoraho, babasubirize mu nkōko.


Kand’ isi izonyiganyiga cane henshi, kandi hamwe‐hamwe hazotera amapfa, hatere n’ikīza, habeho n’ibiteye ubgoba n’ibimenyetso bihambaye biva mw ijuru.


Uhoraho azobatērēra ikīza, kibūmireko, kugeza ah’ azobaherengetereza mu gihugu mugiye kwinjira.


Hanze inkota izohēkūra, No mu nzu habe gucika ivutu, Yice imisore n’inkumi, N’abana bonka n’abatāma bameze imvi.


Uguhōra n’ukwanje, nzobasubiriza mu nkōko Igihe ibirenge vyabo bizonyerera. Kuk’ umusi w’ivyago vyabo uri hafi, Kand’ ibigira bibazeko bizotebuka.


Yukw igihe nzokarisha inkota yanje irabagirana nk’ umuravyo, Ukuboko kwanje kugafata amatēka, Nzokwihōra abarwanizi banje, Nsubirize mu nkōko abanyanka.


Maz’ abantu b’i Buyuda ibihumbi bitatu baca baramanuka, basanga Samusoni muri ca gihoro co mu gitandara c’ahitwa Etamu; baramubaza, bati Mbega ntuzi yukw Abafilisitiya ari bo batuganza? Non’ ivyo udukoreye n’ibiki? Arabishura, at’ Erega kwar’ ukubasubiriza mu nkōko ivyo bāngiriye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ