24 nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe, nzobakubita ibihetangabo ndwi jewe ubganje, mbahōra ivyaha vyanyu.
K’ūtanduye uzokwiyerekana ur’ ūtanduye; Ku ntabarirwa uzokwiyerekana ur’ ūdadika.
N’inyabgenge mu mutima, n’inyabushobozi mu nkomezi: Ni nde yayikomantajek’ umutima, akaroranirwa?
Ariko baragarariza, bababaza Mpwemu wiwe yera; bituma ahinduka umwansi wabo, ubgiwe arwana na bo.
Nuko rero weho, mwana w’umuntu, ubūre, ukubite amashi ku yandi: inkota n’ikubite kabiri, mbere n’ubugira gatatu, ni yo nkota ikomeretsa akagīrīre: inkota yakomerekeje ūhambaye akagīrīre, ni yo yinjiye no mu mazu yabo.
Ivyo ni bitātuma munyumvira, nanje nzokwongera kubahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.
Kandi ni mwashishikara kugenda munyuranya nanje, ntimunyumvire, nanje nzokwongera kubateza ivyago ibihetangabo ndwi bihwanye n’ivyaha vyanyu.
nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe ndi n’uburake, kandi nzobahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.
ari kwo kwatumye nanje nnyuranya na bo, nkabahindira mu gihugu c’abansi babo; kandi ni bicisha bugufi ico gihe mu mitima yabo imeze nk’imibiri itakebge, bakarīmbūka, bakemera yukw ibihano bāhanwe ar’ ivyazanywe n’ibigabitanyo vyabo;