Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 26:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Kandi nzobatērēra ibikōko vyo mw ishamba, bitware abana banyu, biyigize amasho yanyu n’imikuku yanyu, bibatūvye, inzira zanyu zisibe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 26:22
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko bagitangura kuhaba ntibātinya Uhoraho; ni co catumye Uhoraho abatērēra intambge, zikabīcamwo bamwe.


Arakebuka; ababonye abavuma mw izina ry’Uhoraho. Nuko haca haza ibikōko bibiri vy’idubu z’ingore zivuye mw ishamba, zitabagura abahungu mirongwine na babiri bo muri bo.


Kandi mur’ ico gihe nta mutēkāno wariho ng’ umuntu agire aho yocārūkira, kuko hāba imivurungano myinshi mu bantu bose bāba mur’ ivyo bihugu,


Ni co catumye umuvumo utongora isi, kand’ abayibamwo ni vyo bahōwe: ni co catumye ababa mw isi baturirwa, hagasigara abantu b’imparūrwa.


Inzira z’iroro zirasivye, nta wuhita akiboneka; yishe isezerano, akēngēra ibisagara, kandi ntagira udusoni ku bantu.


Kandi ndabagereye ivyago bine, ni k’ Uhoraho agize: inkota yo kwica, n’imbga zo gutabagura, n’ibisīga vyo mu kirēre n’ibikōko vyo kw isi vyo gutsontsomera no gutikiza.


bēgēra uwavugishwa n’Imana Yeremiya, bati Turakwinginze, emera ico tugusaba, udusengere k’Uhoraho Imana yawe, twebge aya masigarira twese; kuko dusigaye turi bake twahora turi benshi, nk’uko nawe utwibonera:


Inzira z’i Siyoni ziraboroga, kukw ata wukiruha aza mu misi mikuru yashinzwe; Amarembo yaho yose arasivye, abaherezi baho baraniha: Inkumi zaho zifise umubabaro, na ho ubgaho hari n’ intuntu.


Kandi ni natērēra igihugu ibikōko vy’inkazi, bikagisivya kigahinduka amatongo, ntihabe hakigira umuntu agicamwo kubg’ ivyo bikōko,


Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Mbega ntibizorushiriza kuba birtyo kuri Yerusalemu, igihe nzoharekurira ivyo bihano bihambaye ukw ari bine, ni vyo nkota n’inzara n’ibikōko vy’inkazi n’ ikīza, kugira ngo ndaharandure abantu n’ibitungano?


Kand’ igihugu nzogihindura imisaka n’akajoreza, ubgibone buterwa n’ububasha bgaho buzoherengetera; kand’ imisozi y’i Bgisirayeli izosigara ar’ imisaka, bitume ata wuzoba akihaca.


kandi nzobatēza kigoyi n’ibikōko vy’inkazi, bikugire nyakamara; ikīza n’ibitenga vy’amaraso bizoca muri wewe, kandi nzogutērēra inkota: ni jewe Uhoraho mbivuze.


Kandi nzoha ico gihugu kugira impore, muzokwiryamira ata kibateye akōba: kandi nzohaherengeteza ibikōko vy’inkazi, kandi nta nkota izogera mu gihugu canyu.


Nuko ni co gituma Siyoni hazohinduka ubusīze kubganyu, n’i Yerusalemu hahinduke ibirundo vy’amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uhinduke nk’ ikibira kiri ku mpinga y’umusozi.


ariko nzobasābagirisha agashururu, baje mu mahanga yose batīgeze kumenya. Uko ni kw igihugu kizosigara ar’ amatongo bakivuyemwo; ntihagire umuntu n’umwe aba akihaca cank’ agisubirayo: kukw igihugu c’igikundiro bāri bagihinduye amatongo.


Bazogenda bamarwa umunywera n’inzara, bahondoberezwe n’umururumbo, N’ikiza gikaze; Nzobatērēra ibikōko, bibate mu menyo yavyo, Ndabatērēre n’ivyikwega mu mukungugu vy’ubumara.


Mu gihe ca Shamugari mwene Anati, No mu gihe ca Yayeli, inzira z’ibihamo zari zasivye, Abahita bāri basigaye bajana utuyira tw’inkereramucāmo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ