21 Kandi ni mwashishikara kugenda munyuranya nanje, ntimunyumvire, nanje nzokwongera kubateza ivyago ibihetangabo ndwi bihwanye n’ivyaha vyanyu.
Kand’ ababanyi bacu, ibitutsi bāgututse Mwami Ubibasubirize mu nkōko ibihetangabo ndwi.
Ut’ Ubu rero, agira agomore ivyago vyiwe vyose bitere umutima wawe, n’abanyarugo bawe, n’abantu bawe, kugira ng’ umenye yukw ata wuhwanye na we mw isi yose.
Ni co catumye uburake bg’Uhoraho buziriringira abantu biwe, akababangurira ukuboko, akabakubita, imisozi ikaja mu gatengo, maz’ imivyimba yabo ikamera nk’imyanda hagati mu mayira. Yamara na ho nyene uburake bgiwe ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabanguye.
Nuko rero weho, mwana w’umuntu, ubūre, ukubite amashi ku yandi: inkota n’ikubite kabiri, mbere n’ubugira gatatu, ni yo nkota ikomeretsa akagīrīre: inkota yakomerekeje ūhambaye akagīrīre, ni yo yinjiye no mu mazu yabo.
Ivyo ni bitātuma munyumvira, nanje nzokwongera kubahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.
Ivyo ni bitātuma mwihana ngo mumpindukirire, ariko mugashishikara kugenda munyuranya nanje,
nuko nanje nzogenda nnyuranya namwe, nzobakubita ibihetangabo ndwi jewe ubganje, mbahōra ivyaha vyanyu.
Ivyo vyose ni bitātuma munyumvira, ariko mukagenda munyuranya nanje;
Mbona ikindi kimenyetso mw ijuru gihambaye, gitangaza, abamarayika ndwi bafise ivyago ndwi, ni vyo vy’iherezo, kuko mur’ ivyo ari ho uburake bg’Imana buheraherezwa.