20 Amaboko yanyu azopfa ubusa, n’igihugu canyu ntikizoruha cera, kandi n’ibiti vyo muri co ngo bigire ico vyama.
Kuva ubu ni warima isi ntizogira ico ikumerera; uzogenda urāraguza, ur’ inyererezi mw isi.
Nuko Eliya aragenda, ngw aje kwiyereka Ahabu. Ico gihe kigoyi cari cinshi cane i Samariya,
Asangwa vyarabaye birtyo, amahwa arakamera ahobaye ingano, N’ikigunda ahobaye sayiri. Amajambo ya Yobu agarukiye aho.
Igihugu kimera agihindura akarēre k’umunyu, Kubg’ ivyaha vy’abahaba.
Uhoraho iy’ atari we yubaka inzu Abayubaka baba baruhira ubusa. Uhoraho iy’ atari we azigama igisagara Umuteramyi abera maso ubusa.
Kuko wibagiye Imana y’agakiza kawe, ntiwibuke igitandara c’inkomezi zawe; ico ni co catumye uteragira interwa zo kwinezereza, ukishingira imizabibu y’ikigirwamana c’akavantara.
Ku musi wabiteyeko warabizitiriye, bukeye utuma ivyo wateye bishurika: arikw ivyimburwa bizobura ku musi w’umubabaro n’akabonge k’ubgihebe.
Ariko ndavuga, nti Naruhijwe n’ubusa, inkomezi zanje zapfuye ubusa, nazikoresheje ibitagira ikimazi: yamara rer’ urubanza rwanje ruseguwe n’Uhoraho, kand’ Imana yanje ni yo izompēra.
Bābivye ingano, bimbura amahwa: bārīgōye, ntivyagira ico bibamarira; muzomāramāzwa n’ivyo mwejeje, kubg’ uburake bg’inkazi bg’Uhoraho.
Nzomucakw ibitwengo, n’imisi mikuru yaziririza, bo n’ imboneko z’amezi n’amasabato n’ imisi mikuru yose yashinzwe.
nuko nanje nzogenda mbarekurira imvura mu bihe vyayo, n’ igihugu kizogenda cimbuka ivyimburo vyaco, n’ibiti vyo mu ndimiro bizokwama bitengengere.
Mbega ntibiva k’Uhoraho Nyen’ ingabo kw amoko atamishwa n’ibizoturirwa n’umuriro, amahanga akiruhiriza ubusa?
ico gihe cose, uwaja ku kirundo c’ impeke c’ingero mirongwibiri yasangamw’ icumi gusa; n’uwaja ku bgato bga vino ngw akūremw’ inzato mirongwitanu yasangamwo mirongwibiri gusa.
Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, arikw Imana ni yo yazikujije.
Munteye akōba, yuko kumbure ivyo nabakoreye natamijwe n’ubusa.
uburake bg’Uhoraho bukabaziriringira, agakinga ijuru kugira ngw imvura ntigwe, isi ntibe ikimerakw ibintu, mukazohava muhona bidatevye, mugashira mu gihugu ciza Uhoraho abahaye.
Uruvyaro rwo mu nda zanyu ruzovumwa, bo n’imirima yo mu ndimiro zanyu, n’uruvyaro rw’inka zanyu n’urw’ imikuku yanyu.
Ibiti vyanyu vyose n’ imirima yanyu inzige ni zo zizovyihariza.
Kuk’ umuriro w’uburake bganje udometswe, Wātse, ugashika hasi i kuzimu, Ugatōngōra isi n’ivyeze kuri yo, Ukadomeka amatanguriro y’ imisozi.