Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 26:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Kandi nzohoza igitsūre canje kuri mwebge, muzoneshwa n’abansi banyu: ababanka ni bo bazobaganza; kandi muzohunga ata kibirukanye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 26:17
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuva ubu ni warima isi ntizogira ico ikumerera; uzogenda urāraguza, ur’ inyererezi mw isi.


Kand’ abantu bawe b’Abisirayeli ni baneshwa n’abansi, bazize ko bagucumuyeko, hanyuma bakaguhindukirira, bakātura izina ryawe, bagasenga bakwingingira mur’ iyi ngoro;


Maz’ uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli, akāma abagabura mu maboko ya Hazayeli umwami w’i Siriya, no mu ya Beni‐hadadi mwene Hazayeli nyene.


Kuk’ umwami w’i Siriya ata co yasigarije Yehowahazi mu ngabo, atar’ abagendera ku mafarasi mirongwitanu, n’imikogote cumi, n’ abagendesha amaguru ibihumbi cumi; abandi yari yarabaranduye, abahindura nk’umukungugu wo ku mbuga.


Watumye abansi bacu badukimiranya, Abatwanka baratwinyagira.


Aho nyene bahacikiye umuhongo, ata kiwubaciye, Kukw Imana yakwiragije amagufa y’uwashagarije kugutera: Warabatetereje, kukw Imana yabahinyuye.


Icompa agakiza k’Abisirayeli kakaba kaje kava i Siyoni! Imana ni yasubizay’ abantu bayo bājanywe ar’ inyagano, Ni ho aba Yakobo bazovuza impundu, Abisirayeli bakanezerwa.


Abanyakibi bahunga ata wubirukanye, Arikw abagororotsi bagumya umutima nk’intambge.


Abantu igihumbi bazokwirukanwa n’akāyaga k’umuntu umwe; akāyaga ka batanu kazotuma muhunga: gushitsa aho muzosigara mumeze nk’igiti kirekire gishinze ku mpinga y’umusozi, canke nk’ibendera ishinze ku gasozi.


Ariko baragarariza, bababaza Mpwemu wiwe yera; bituma ahinduka umwansi wabo, ubgiwe arwana na bo.


Kandi nzohindurira ubusa aha hantu inama z’i Buyuda n’iz’ i Yerusalemu; nzobahindikiranya n’inkota imbere y’abansi babo, bicwe n’amaboko y’ababahīga: kand’ imivyimba yabo nzoyigabura ibe inyama z’ibisīga vyo mu kirēre, n’iz’ ibikōko vyo kw isi.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe rāba, mbatungiriye igitsure ngo mbazanekw ivyago, ngo mperengeteze i Buyuda hose.


Abarwanizi baho bahagiye hejuru, abansi baho bararoraniwe; Kuk’ Uhoraho yahababaje ahahōye ibicumuro vyaho vy’isinzi: Abana baho bashorewe ar’ inyagano imbere y’abarwanizi.


Yamufōreye umuheto nk’ umwansi, yahagaze abanguye ukuboko kw’i buryo nk’umurwanizi, Yishe abanyagikundiro bose: Yasutse ubushangashirwe bgiwe mw ihema ry’umukobga w’i Siyoni nk’umuriro.


Kandi nzobatungīra igitsure; bazova mu muriro basubire mu wundi ubatongore; kandi namwe muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho, abo ni nabatungīra igitsure.


Kand’ umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azokwigera ageza ubuseri mu kanwa, nzohoza igitsūre canje kur’ uwo muntu yariye ubuseri, ndamurandure mu bgoko bgabo.


Uhoraho azotuma muneshwa n’abansi banyu: muzojana inzira imwe mubateye, mu kubahunga muce mu nzira ndwi; muzoba akūmiza mu bihugu vyose vyo mw isi.


Nuko mu bantu havamwo nk’ibihumbi bitatu, badūgayo: arikw abantu b’i Hayi barabirukana.


Uburake bg’ Uhoraho buca buziriringira Abisirayeli, abagabura mu maboko y’ abanyazi, barabanyaga, abatanga mu maboko y’abansi babo babakikije, bituma batagishobora guhagarara imbere y’abansi babo.


Nukw Abisirayeli baganzwa na Eguloni umwami w’i Mowabu imyaka cumi n’ umunani.


Bituma uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli, abagabura mu maboko ya Kushani‐rishatayimu umwami w’i Aramu‐naharayimu; Abisirayeli baganzwa na Kushani‐rishatayimu imyaka munani.


Nukw Abamidiyani bamara igabo Abisirayeli, bituma Abisirayeli bironderera aho kuja kunyegera mu bihuma vyo ku misozi no mu masenga no mu maboma kubg’ abo Bamidiyani.


Ariko ni mutumvira Uhoraho, mugaca mu vyagezwe vyiwe, ukuboko kw’ Uhoraho kuzobarwanya, nk’uko kwarwanije ba sogokuruza.


Nukw Abafilisitiya batera Abisirayeli, Abisirayeli barabahunga, bahindikirana ku musozi Gilibowa.


Nukw Abafilisitiya bashirako bararwana, maz’ Abisirayeli baraneshwa, umuntu wese ahungira i we; haba agatikizo gakomeye: mu Bisirayeli hapfa ingabo ibihumbi mirongwitatu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ