Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 26:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 nanje uko nzobagira n’uku: nzobagomorera ibibaca ivutu; kugenda mukōnyēra bo no kurwara inyonko bizotuma muhwera mu kajisho, imitima yanyu ihondobēre: muzorimira ubusa, kukw abansi banyu ari bo bazobirya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 26:16
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Inzara ni yatera mu gihugu, cank’ ikīza, canke kurumbisha, cank’ ururyi rw’agahezambuto, cank’ inzige, cank’ inzikira, cank’ abansi babo ni babatera bakabaziguza mu gisagara cabo ic’ ari co cose; ni haramuka hateye icago ic’ ari co cose, cank’ indwara,


Azoterwa ubgoba n’ibimukanga irya n’ino, Bizomukinagiza vyōmye ku bitsintsiri vyiwe.


Useruke mu mugongo wiwe: Mber’ uwo mubugita ukayangana uzoseruka utobekeranije indurwe yiwe; Ubgoba buzoba bumufashe.


Ndakarima, birye uwundi, Mbere n’imirima yo mu ndimiro yanje irandurwe!


Umuhe kuganzwa n’umunyakibi, Wa murwanizi ahagarare i buryo bgiwe.


Erega bārahonnye mu kanya gato! Ubgoba bg’uburyo bginshi burabamaze.


Bituma irangiza imisi yabo nk’impwemu zihumetswe, N’imyaka yabo iyirangiza mu kanya isase.


Arababarira, ati Ni mwagira umwete wo kwumvira Uhoraho Imana yanyu, mugakora ibitunganye mu nyonga ziwe mukumvira ivyagezwe vyiwe, mukitondera ivyo yihanikirije vyose, ngo Nta ndwara azobateza nk’ izo yateje Abanyegiputa; ngo Kukw ari we Uhoraho, abakiza indwara.


Umuvumo w’Uhoraho uri mu nzu y’abanyavyaha, Arikw ahezagira ingo z’abagororotsi.


Nta gisigaye atar’ ugucishwa bugufi mu mbohe, canke guhindikiranywa mu bishwe. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.


Uhoraho yarahije ukuboko kwiwe kw’i buryo, ukuboko kw’inkomezi ziwe, ati N’ukuri sinzokwongera guha abansi bawe amasaka yawe ngo bayarye, kand’ abanyamahanga ntibazokunywera vino wacumukuriye;


Babūrira umuryango wa Dawidi, bat’ Abasiriya bifatanije n’Abefurayimu. Maz’ umutima wa Ahazi urahungabana, bo n’imitima y’ abantu biwe, nk’ukw ibiti vyo mu kibira bihungabanywa n’umuyaga.


Bābivye ingano, bimbura amahwa: bārīgōye, ntivyagira ico bibamarira; muzomāramāzwa n’ivyo mwejeje, kubg’ uburake bg’inkazi bg’Uhoraho.


Kandi ndabagereye ivyago bine, ni k’ Uhoraho agize: inkota yo kwica, n’imbga zo gutabagura, n’ibisīga vyo mu kirēre n’ibikōko vyo kw isi vyo gutsontsomera no gutikiza.


Abapfakazi babo baragwiriye kurusha umusenyi wo ku kiyaga imbere yanje: nabagomoreye abanyazi ku murango w’amashōka, ngomoreye nyina w’abahungu; namusutseko giturumbuka umubabaro n’ ibiteye ubgoba.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, ati Nzotuma wikanga, ukange na bagenzi bawe bose; bazohindikiranywa n’inkota z’abansi babo, nawe amaso yawe azovyibonera. Nzotanga Ubuyuda bgose mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni, kand’ azobajana ar’ inyagano i Babuloni, kand’ azobicisha inkota.


Bazorya ivyimburwa vyanyu n’ivyo kurya vyanyu, ivyo abahungu banyu n’abakobga banyu boriye; bazorya imikuku yanyu n’amasho yanyu; bazorya imizabibu yanyu n’imisukoni yanyu; kand’ ibisagara vyanyu vyubakiwe inzitiro, ivyo mwishimira, bazobisanganguza inkota.


Ibitambara vyanyu bizoba biri mu mitwe yanyu, n’inkweto muzoba muzambaye: ntimuzoboroga canke ngo murire; ariko muzoshira umunywera kubg’ ibigabitanyo vyanyu, mucurire umunihiro hamwe.


Nuko rero, mwana w’umuntu, ubarire ab’ inzu ya Isirayeli, uti Musigaye muvuga, mut’ Ibicumuro vyacu n’ivyaha vyacu biri ku mitwe yacu, kandi duhondobereye muri vyo: none twoshobora dute kubaho?


Nuko rero, ko mwasiribanze umurushwa, mukamutoza utugano twiwe; amazu mwiyubakishirije amabuye abajwe, ntimuzoyabamwo; imirima myiza y’imizabibu mwateye, ntimuzonywa vino zayo.


Uzobiba, ariko ntuzokwimbura; uzokānya elayo, ariko ntuzokwisīga amavuta yayo; ukānye n’imizabibu, ariko ntuzonywa vino yayo.


Mubiba vyinshi, mukimbura bike; kurya murarya, ariko ntimushira inzara; kunywa muranywa, ariko ntimushira inyota; kwambara murambara, ariko ntimushira imbeho; kand’ ūca amahera ayacira mu mupfuko utobotse.


Iki ni co cago Uhoraho azotēza amahanga yose azoba ateye Yerusalemu: inyama z’imibiri yabo zizobatikimirako bagihagaze, n’amaso yabo aborere mu nkombe zayo, n’indimi zabo ziborere mu kanwa kabo.


Rāba nzovuma imbuto zanyu, ari mwebge mubinteye, kandi nzobasīga mu maso amayezi y’ibimazi vyanyu; muzoyoranwa na yo.


Bazorya inyana z’ inka zanyu, n’ivyo imirima yanyu izoba yarēze, gushitsa aho muzorandukira; nta co bazobasigariza, ar’ icitwa uruheke, canke vino, cank’ amavuta ya elayo, cank’ uruvyaro rw’inka zanyu cank’ urw’ imikuku yanyu, gushitsa aho bazobahonereza.


Hanze inkota izohēkūra, No mu nzu habe gucika ivutu, Yice imisore n’inkumi, N’abana bonka n’abatāma bameze imvi.


Erega birateye ubgoba gukorokera mu maboko y’Imana nzima.


Bukeye umumarayika w’ Uhoraho araza, yicara musi y’ igiti c’umweloni cari muri Ofura; car’ ica Yowasi Umwabiyezeri, kand’ umuhungu wiwe Gideyoni yarikw arakubitira ingano mu bgato baganiramwo vino, bgimbge mu kuzimu, kugira ngw azinyegeze Abamidiyani.


Ngo Kandi ni hagira umuntu wo kuri wewe azosigara atamukūye ku gicaniro ciwe, na ho nyene bizoba ar’ ugusigara akobotse amaso, atuntuye mu mutima; ngo Kand’ ab’ uruvyaro rw’inzu yawe bose bazogenda bapfa bakenyutse.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ