Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 26:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ariko ni mutanyumvira, ntimwitondere ivyo vyagezwe vyose,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 26:14
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ati Ni mugende munsigurize Uhoraho, twe n’aba bantu n’abandi Bayuda bose, ivy’ amajambo yo mur’ iki gitabo batoye; kuk’ uburake bg’Uhoraho butuziriringiye ari bginshi, kubga ba sogokuruza batumviye amajambo yo mur’ iki gitabo, ngo bakore ivyanditswe muri co vyose twabariwe.


mut’ Uhoraho agize ngw Azotēza ivyago aha hantu, bo n’abahaba, ngo Ni yo mivumo yose yanditswe mur’ ico gitabo bagusomeye, wewe nyene umwami w’i Buyuda;


Ariko ni mwanta, ntimwitondere ivyagezwe vyanje n’amabgirizwa yanje nabashize imbere, mukaja gusaba izindi mana, mukaba ari zo musenga,


Nanje ndabareka, ngo bakurikire ugukomantara kw’ imitima yabo, Ngo bagendere mu migabo bigeneye.


Umuvumo w’Uhoraho uri mu nzu y’abanyavyaha, Arikw ahezagira ingo z’abagororotsi.


Yamara ntibānyumvira, canke ngo batege amatwi, ariko bāgendera mu budadarare bg’imitima yabo mibi: ni co catumye mbashitsakw ivyo nababūriye vyose vyo mur’ iryo sezerano, iryo nabageze kwitondera, ntibaryitondere.


Ariko ni mutanyumvira ngo muziririze umusi w’isabato, ngo mwoye kugira ico mwiremēka mugicana mu birimba vy’i Yerusalemu ku musi w’isabato, nuko nzodomeka umuriro mu birimba vyaho, uzotongora ingoro z’i Yerusalemu, kandi ntibazoruha bawuzimya.


Kand’ ubabarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni mwanka kumutega amatwi, ngo mugendere mu vyagezwe vyiwe yabashize imbere,


Abavugishwa n’Imana ba kera bānyitangiye imbere bakakwitangira imbere nawe, bāvugishijwe ivy’ intambara n’ivy’ ivyago n’ivy’ ikīza bizotera ibihugu vyinshi n’ibihugu vy’ abami bahambaye.


baracinjira barakiganza; yamara banka kukwumvira, no kugendera mu vyagezwe vyawe; ntibakora na kimwe mu vyo wabageze vyose gukora: ico ni co catumye ubatēza ivyo vyago vyose.


Nuk’ uwo mukuru w’abashibamyi akūramwo Yeremiya, aramubarira, at’ Uhoraho Imana yawe yari yarageneye ivyago aha hantu:


Uhoraho aragororotse, ariko jeho nagararije ivyagezwe vyiwe: Ni mwumve ndabinginze, mwebge mwa mahanga yose, mwitegereze umubabaro wanje: Abakobga banje n’abahungu banje bagiye ar’ inyagano.


Uhoraho yakoze ico yagabiye; Yashikije ijambo ryiwe yashinze mu misi ya kera; Yagukubise hasi ata kagongwe; Yahaye umwansi kukwitamba hejuru, Yashize hejuru ihembe ry’ abarwanizi bawe.


Ivyo vyago vyose vyadushitseko nk’uko vyanditswe mu vyagezwe vya Mose; yamara nta ho twinginze Uhoraho Imana yacu ngw idutunge, canke ngo tureke n’ibigabitanyo vyacu, ngo tumenye ivy’ ukuri kwayo.


Bakigenda, nzobatega ururiba rwanje; nzobakororera hasi nk’ ibisīga vyo mu kirēre: nzobakubita, nk’uko mw ikoraniro ryabo bābibūriwe.


Ivyo ni bitātuma munyumvira, nanje nzokwongera kubahanira ivyaha vyanyu ibihetangabo ndwi.


Ni mwanka kwumva, mukanka kurishirak’ umutima, ntimuheshe izina ryanje icubahiro, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nzobavuma wa muvumo, n’imigisha yanyu nzoyivuma; mbere mmaze no kuyivuma, kuko mutarishizek’ umutima.


Kand’ umuntu wese atazokwumvira uno avugishwa n’Imana, azorandurwa mu bantu.


Mwirinde ntimwanke kwumva Iyirikw iravuga. Ba bandi ko batākize, hamwe banka uwababūririye mw isi, tweho tuzorushiriza cane kudakira, namba dutera ibitugu Iyitubūrira iri mw ijuru.


Nk’ ukw ivyiza vyose Uhoraho Imana yanyu yabasezeraniye vyāshitse, uko ni k’Uhoraho azobashitsakw ivyago vyose yababūriye, kugeza ah’ azobaherengetereza, mugashira mur’ iki gihugu ciza mwahawe n’ Uhoraho Imana yanyu,


Aho bāja gutera hose, Uhoraho yarabarwanya, nk’uko yari yaravuze akabarahira; bituma baja mu vyago bikomeye.


Ariko ni mutumvira Uhoraho, mugaca mu vyagezwe vyiwe, ukuboko kw’ Uhoraho kuzobarwanya, nk’uko kwarwanije ba sogokuruza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ