13 Ni jewe Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa, kugira ngo ntimube abagurano babo; navunnye ibiti vy’ingōgo vyababoshe, mbaha kugenda mwemye.
Uhoraho, n’ukuri nd’ umusavyi wawe; Nd’ umusavyi wawe, umwana w’incoreke yawe. Wankūye mu ngoyi.
Nuk’ Uhoraho akomantaza umutima wa Farawo umwami wa Egiputa, akurikira Abisirayeli: kand’ abo Bisirayeli bāri bavuyeyo babakobagurije.
iti Nd’ Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.
kandi nzobagira abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu; ni ho muzomenya ko nd’ Uhoraho Imana yanyu, ibakūye ku bikebere Abanyegiputa babakebera.
ngiteretse mu kiganza c’abaguhahaza, c’abākubarira, bat’ Ubika inda, tuguceko; nawe ugatega mu mugongo hawe nko hasi, canke nk’inzira, ngo bahahite.
Wagwije ihanga, wabongeye umunezero, banezererwa imbere yawe, nk’umunezero wo mw iyimbura, nk’uw’ abantu banezerwa bagabanganye iminyago.
Kuk’ uhereye kera wavunnye ingōgo yawe, ugacagagura imvuto, ukavuga, uti Sinkikugera inyuma! Mbere nta ho utāgiye uryama nka maraya ku musozi wose muremure no musi y’igiti cose gitōtahaye.
at’ Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Mvunnye ingōgo mwambitswe n’ umwami w’i Babuloni.
kandi nzogarukana aha hantu Yekoniya mwene Yehoyakimu umwami w’i Buyuda, bo n’abānyazwe bose b’i Buyuda bāgiye i Babuloni, ni k’Uhoraho agize, kuko nzovuna ingōgo mwambitswe n’umwami w’i Babuloni.
I Tahapanesi hazoba ubgirakabiri, igihe nzohavunagurira ingōgo Egiputa hahatwarisha igitugu, n’ubgibone buterwa n’ ububasha bgaho buzoshirira aho nyene; igicu kizohubikiza, kand’ abakobga baho bazojanwa ar’ inyagano.
Maz’ igiti co mw ishamba kizokwama, isi yimbuke ivyimburo vyayo; na zo zizokwibera amahoro mu gihugu cazo; kandi zizomenya yuko jewe nd’Uhoraho, igihe nzoba mmaze kuvuna ibiti vy’ingōgo zambitswe, no kuzirokora mu maboko y’abāzihinduye abaja.
Nabakwegesheje imigozi y’umuntu, imigozi y’ibitsibo vy’urukundo; kandi nabamereye nk’ababakūra ingōgo mu mibangabanga yabo, nterekeranya ivyo kurya imbere yabo.
Nd’ Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa ngo mbahe igihugu c’i Kanani, mbe Imana yanyu.
kukw ar’ abagurano banje nakūye mu gihugu ca Egiputa: ntibaze bagurwe ngo babe abagurano b’abandi.
Kukw Abisirayeli ar’ abagurano banje niharije; n’abagurano banje nakūye mu gihugu ca Egiputa: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.
Mber’ ubu ngira mvune ingōgo yiwe ikuveko, mvutagure n’imvuto zikuboshe.