Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 26:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Nzoshira ihema ryanje hagati muri mwebge, kandi sinzokwigera ndabazinukwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 26:11
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uti Mbeg’ ahantu hose yagiye agendana n’Abisirayeli bose, uti Har’ aho yigeze kubarira umucamanza w’Abisirayeli uw’ ari we wese, uwo yashizeho kuragira abantu biwe, akamubaza, ati N’iki cababujije kumwubakira inzu y’amasederi?


Kandi nzoba mu Bisirayeli, sinzoheba abantu banje.


None ndakwubakiye ingoro yo kubamwo, ahantu uzokwibera ibihe vyose.


Ariko se, n’ivy’ ukuri Imana yoza kuba mur’ iyi si? Rāba ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, ntushobora kurikwirwamwo, nkanswe iyi nzu nubatse!


Bituma uburake bg’Uhoraho buziriringira abantu biwe, Yanka urunuka ishamvu yiwe.


Kand’ i Salemu ni ho hema ryayo, I Siyoni ni ho buvyagiro bgayo.


Imana ivyumvise, iraraka, Yanka Abisirayeli urunuka.


Kandi bangirire ahēra ho kuba, kugira ngo nze ngerēre hagati muri bo.


Kandi nzoba hagati mu Bisirayeli, mbe Imana yabo.


Na bo bazomenya yuko nd’Uhoraho Imana yabo, yabakūye mu gihugu ca Egiputa, kugira ngo nze mbe hagati muri bo: ni jewe Uhoraho Imana yabo.


Kubg’ izina ryawe ntutwanke urunuka; ntutītūze ingoma y’icubahiro cawe: n’utwibuke, ntiwice isezerano wasezeranye natwe.


Umwami Imana yashibuye igicaniro ciwe, yazinutswe ahēra hiwe, Yagabuye mu maboko y’ abansi ibigo vy’ingoro z’i Siyoni: Bāyogoreye mu ngoro y’ Uhoraho, nko ku musi mukuru washinzwe.


Nuko muzomenya yuko ndi hagati mu Bisirayeli, kandi ko nd’ Uhoraho Imana yanyu, ata yindi iriho; n’ukuri abantu banje ntibazokwongera kumāramāra.


Ntimuze mugendere mu migenzo y’ihanga ngira nze nirukane imbere yanyu: kukw ivyo vyose ari vyo bākora, bigatuma mbanka urunuka.


kandi ni mwagaya amabgirizwa yanje, mukazinukwa ivyo nashinze, bigatuma mutitondera ivyagezwe vyanje vyose, mukica isezerano ryanje;


Mber’ ico gihugu bazoba barakivuyemwo, gishumbushwe ya masabato yaco, gisigare ar’ imisaka batakikibamwo; na bo bazoba barīmbūtse, bemeye yukw ibihano bāhanwe ar’ ivyazanywe n’ibigabitanyo vyabo, kuko banse ivyagezwe vyanje, bakazinukwa amabgirizwa yanje.


Ariko naho bizomera birtyo, sinzobaheba, igihe bazoba bari mu gihugu c’abansi babo, kandi sinzobazinukwa, ngo ndabahenebereze rwose, mve mw isezerano ryanje nabasezeraniye: kuko nd’ Uhoraho Imana yabo.


Mu kwezi kumwe ngeseza ba bungere batatu; kuk’ umutima wanje war’ ubarambiwe, kandi n’iyabo yari yanzinutswe.


Muri we namwe murubakanwa, kugira ngo muheshwe na Mpwemu kuba ingoro Imana ibamwo.


Uhoraho yarabibonye, karaziriringa, Ashavurira abahungu biwe n’ abakobga biwe.


Mugabo, namb’ igihugu canyu mubona gihumanye, enda ni mujabuke muze mu gihugu c’Uhoraho, ah’ ihema ry’Uhoraho riri, mugabure natwe; ariko mwoye kugarariza Uhoraho, natwe ngo mudushirek’ ubugarariji, mukiyubakira ikindi gicaniro kitar’ ic’ Uhoraho Imana yacu.


Nuko Finehasi mwene Eleyazari umuherezi abarira Abareyubeni n’Abagadi n’Abamanase, ati Noneh’ uyu musi dutāhūye yuk’ Uhoraho ari hagati muri twebge, kuko mutāhemukiye Uhoraho nk’ uko twari twumvise; none mukijije Abisirayeli gukorokera mu maboko y’Uhoraho.


Numva ijwi rirenga, rivuye kuri ya ntebe, rit’ Eh’ ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’ izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’ Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo.


Ni co gituma baba imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera mu rusengero rwayo ku murango no mw ijoro: kand’ Īvyagiye kur’ irya ntebe izosanza ihema ryayo hejuru yabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ