Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 26:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ntimuze mwironderere ibigirwamana, canke ngo mushinge igishushanyo, ar’ ikibāzano, ar’ inkingi y’ibuye, kandi ntimuze mugire ikibuye mushira mu gihugu canyu gikorogoshoyekw ibishushanyo co kwunamira: kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 26:1
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi bishingiye inkingi na Ashera ku musozi wose uhagaze, no musi y’igiti cose gitotahaye;


Nuko bata amabgirizwa yose y’Uhoraho Imana yabo, bīronkera ibishushanyo bibiri vy’ amamasa bavugutiye mu nkero, bakīronderera Ashera, bagasenga ingabo zose zo kw ijuru, ari zo nyenyeri, bagasaba Bayali,


bakagendera mu migenzo y’amahanga Uhoraho yari yarirukanye imbere yabo, no mu migenzo abami b’Abisirayeli bābashiriyeho.


Kuko bayirakishije ibitabo vyabo bātavye ku mpinga z’imisozi, Bayiteje ifūhe ibishushanyo vyabo vy’ibigirwamana.


Abasenga ibishushanyo bibājwe, Bakirata ivy’ ubusa, ni bamāramāre: Ibigirwamana vyose biramwunamira.


iti Nd’ Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.


Uti Ntimukarondere izindi mana ngo muzibangikanye na we: ntihakagire ivyitwa imana mucura, ari mw ifeza canke mw izahabu.


Kandi ntimukikubite imbere y’ibigirwamana vyabo, canke ngo mubisabe, canke ngo mwīgāne ingeso zabo: ariko muze mubihenebereze rwose, mumenagure amabuye yavyo bāshinze kw inkingi.


Ntimuze mwironderere ibigirwamana mubivugutiye mu nkero.


Kur’ uwo musi umuntu azoshibura ibigirwamana vyiwe vy’ifeza, n’ibigirwamana vyiwe vy’izahabu, ivyo bamucuriye ngw abisenge, abishiburire amafuku n’ubuhungarema;


Ntimuze muhindukirire ibigirwamana, canke ngo mwironderere ibigirwamana mu bivugutiwe mu nkero: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Kukw Abisirayeli ar’ abagurano banje niharije; n’abagurano banje nakūye mu gihugu ca Egiputa: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Uwo muri bene Aroni azohereza amaraso n’ibinure vy’ikimazi c’ishimwe, az’ abe ari we ahabga igikenye c’ukuguru kw’i buryo kuba umwanya wiwe.


muze mwirukane ben’ ico gihugu bose, mumenagure ibibuye vyabo vyose bikorogoshoyekw ibishushanyo, mumenagure n’ibishushanyo vyabo vyose vyavugutiwe mu nkero, mukomvomvore ibitabo vyabo vyose vyo ku mpinga z’imisozi;


Nuko rero, ko tur’ uruvyaro rw’Imana, ntidukwiye kwiyumvira yukw Imana isa n’izahabu, cank’ ifeza, cank’ amabuye, ivyābājwe n’ubuhinga n’ubgenge bg’abantu.


bat’ Azoba avumwe, umuntu abāza igishushanyo cank’ akakivugutira mu nkero, ar’ igikorwa c’umuhinga, akagishinga mu mpisho, kand’ ar’ ubuyobe k’ Uhoraho. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


ati Nd’Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.


Inyuma hazoba imbga n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora.


Maz’ Abadani bīshingira ca gishushanyo kibājwe; kandi Yonatani mwene Gerushomu, Gerushomu wa Mose, ni we yabaye umuherezi w’umuryango w’Abadani, bo n’uruvyaro rwiwe, gushitsa igihe abo mu gihugu bajanywe kw inyagano.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ