9 Maze ku musi ugira icumi w’ukwezi kw’indwi muze muvugishe inzamba y’ijwi rirenga; ku musi w’impongano az’ abe ari ho muvugisha inzamba mu gihugu canyu cose.
Maze kur’ uwo musi inzamba niniya izovuzwa; kandi hazoza abāriko barahona mu gihugu ca Ashuri, n’abirukanywe mu gihugu ca Egiputa; bazosengera Uhoraho ku musozi wera i Yerusalemu.
Ibi bize bibabere icagezwe c’intahava: mu kwezi kw’indwi, ku musi wakwo w’icumi, muze mwame mwibabaza; ntihaze hagire ūgira igikorwa awukorako, naho yoba imvukira, cank’ umunyamahanga aba muri mwebge.
ati Barira Abisirayeli, uti Mu kwezi kw’indwi, umusi wakwo wa mbere uz’ ubabere umusi wo kuruhuka bihebuje, ube uwo kubibutsa, muwutāngāze mu kuvuza inzamba, ube uwo gukorana kwera.
No mu gihe c’umunezero wanyu, no mu misi mikuru yanyu yashinzwe, no ku musi ukwezi kubonetse, izo nzumbete muze muzivugirize hejuru y’ibimazi vyanyu vyo kwoswa, no ku bimazi vyanyu vy’amashikanwa y’ishimwe; zizobabera icibutso imbere yanje: nd’ Uhoraho Imana yanyu.