Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 25:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Maze ku musi ugira icumi w’ukwezi kw’indwi muze muvugishe inzamba y’ijwi rirenga; ku musi w’impongano az’ abe ari ho muvugisha inzamba mu gihugu canyu cose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 25:9
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hahirwa ihanga rizi ijwi ry’ impundu: Rigendera mu muco wo mu nyonga hawe, Uhoraho.


Banezererwa izina ryawe umusi ukīra: Kand’ ukugororoka kwawe ni kwo kubashirisha hejuru.


Maze kur’ uwo musi inzamba niniya izovuzwa; kandi hazoza abāriko barahona mu gihugu ca Ashuri, n’abirukanywe mu gihugu ca Egiputa; bazosengera Uhoraho ku musozi wera i Yerusalemu.


Ni yaheza gutangira Ahēra impongano, bo n’ihema ry’ibonaniro, n’igicaniro, aheze yīgize hafi ya mpene ikidora.


Ibi bize bibabere icagezwe c’intahava: mu kwezi kw’indwi, ku musi wakwo w’icumi, muze mwame mwibabaza; ntihaze hagire ūgira igikorwa awukorako, naho yoba imvukira, cank’ umunyamahanga aba muri mwebge.


Kuko kur’ uwo musi ari ho muzotangirwa impongano, kugira ngo muhumanurwe: nuko muzoba muhumanuwe ivyaha vyanyu vyose imbere yanje, jewe Uhoraho.


ati Barira Abisirayeli, uti Mu kwezi kw’indwi, umusi wakwo wa mbere uz’ ubabere umusi wo kuruhuka bihebuje, ube uwo kubibutsa, muwutāngāze mu kuvuza inzamba, ube uwo gukorana kwera.


at’ Umusi ugira icumi w’ukwo kwezi nye ne kw’indwi ni wo musi w’impongano: uz’ ubabere uwo gukorana kwera, muze mwame mwibabaza, kandi muze muwunshikanirekw ikimazi gitōngōrwa n’umuriro.


Iyo myaka yabaye nk’isabato, muharūre ayo masabato murumye ndwi, muyirumye imyaka ndwi ibihetangabo ndwi; ico gihe muzosanga harimw’ amasabato ndwi y’imyaka, ni yo myaka mirongwine n’icenda.


Nuko ni yahēra mu mwaka wa yubile, akarobanura iyo ndimiro yiwe, haze hagume ico giciro waciriye.


Maze mu mwaka wa yubile, iyo ndimiro iz’ isubizwe uwayiguzweko, nyen’ ishamvu iryo tongo ririmwo.


No mu gihe c’umunezero wanyu, no mu misi mikuru yanyu yashinzwe, no ku musi ukwezi kubonetse, izo nzumbete muze muzivugirize hejuru y’ibimazi vyanyu vyo kwoswa, no ku bimazi vyanyu vy’amashikanwa y’ishimwe; zizobabera icibutso imbere yanje: nd’ Uhoraho Imana yanyu.


Maz’ umwaka wa yubile y’Abisirayeli ni washika, ishamvu yabo izoshirwa kw ishamvu y’umuryango bazoba baragiyemwo; nukw ishamvu yabo izoba ikūwe kw ishamvu y’umuryango wa ba sogokuruza.


Ariko ndabaza: Mbega ntibumvise? Ego, bārumvise. Ijwi ryavyo ryumvikanye mw isi yose, Bo n’amajambo yavyo ku mpera y’isi.


n’ubushobozi bg’ibimenyetso bikomeye, n’ibitangaza, n’ubushobozi bga Mpwemu Yera. Ivyo vyatumye nshitsa ubutumwa bga Kristo, utanguriye i Yerusalemu, ugakikuza, ugashika no muri Iluriko,


Kuko muri mwebge humvikanye ijambo ry’Umwami wacu, kandi ntiryumvikanye i Makedoniya no muri Akaya honyene, arik’ ukwizera Imana kwanyu kwaramamaye hose; bituma tutarinda kugira ico tuvuga mur’ ivyo.


Kand’ abaherezi ndwi baze bajane inzamba ndwi z’amahembe y’impfizi z’intama, bagende imbere y’isandugu; maze ku musi ugira indwi muze muzenguke ico gisagara ibihetangabo ndwi; kand’ abo baherezi baze bagende baravuza izo nzamba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ