3 Muze murime mu ndimiro zanyu imyaka itandatu, kandi mur’ iyo myaka itandatu abe ari yo mutūtūriramw’ imizabibu yanyu, mwamure inzabibu zayo.
Mu myaka itandatu mwame murima indimiro zanyu, mwimbure ivyimburwa vyazo;
arik’ umwaka ugira indwi muzireke zirāre, zibe imisito, kugira ngw abakene bo mu bgoko bganyu barye ivyimeza, maz’ uduhūmbga basize turibge n’ibikōko vyo ku misozi. N’uruzabibu rwanyu n’ibiti vyanyu vy’imyelayo abe ari ko muzobigenza.
ati Barira Abisirayeli, yuko ni bashika mu gihugu nzobaha, ico gihugu kize kigire ikiruhuko nk’isabato co kunyubaha jewe Uhoraho.